IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi gisabwa kutihanganira abatubahiriza amategeko y’ibarabara

Igiporisi gisabwa kutihanganira abatubahiriza amategeko y’ibarabara

vendredi 8 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ivyo vyokorwa ku neza y’urwaruka rugiye kwiyunguruza ku bwinshi, rugashobora kubw’ivyo guhura n’amasanganya atandukanye.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano agira ati : "Vyagiye biragaragara ko mu bihe nk’ibi, mu guhahamira kuronka amafaranga menshi, bamwe bamwe mu bakora umwuga w’ukwunguruza abantu bahonyanga amategeko mu gutwara igitigiri kirenze ico imiduga yabo itegerezwa gutwara, mu kuduza ibiciro bizwi kandi vyumvikanweko n’abega n’ico gisata, mu kugira umuvuduko urenze mbere harimwo no kunyonga imodoka baborewe, ivyo navyo bigatuma amasanganya aba menshi, kanatsinda ko n’ababa bariko bariyunguruza bakoresheje imiduga baba biyongereye."

JPEG - 77.4 ko
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano

Mu bushikiranganji bw’umutekano basaba ko uwuzogira ingorane kubera ayo makosa canke akabona uwunguruza abantu yarenze amategeko, ko yoca abimenyesha igiporisi kimwegereye kugira uwuzoba yabikoze ahanwe vyihuta hisunzwe amategeko.

Ubushikiranganji bw’umutekano buboneraho n’akaryo ko kwibutsa abarabwa n’igikorwa co kwunguruza abantu ko bokurikirana, bagafasha mw’iyubahirizwa ry’amategeko n’amabwirizwa agenga ugutwara abantu mu mabarabara.

Igiporisi naco gisabwe kwongereza inguvu kugira itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara ryubahirizwe. Igiporisi gisabwa kandi guhana hisunzwe amategeko uwo wese yokwirengagiza ico amategeko avuga, bigatuma abiyunguruza bahura n’amasanganya.

Mu ngendo zo mu mabarabara, abavyeyi bahamagariwe kuzoza barafasha kujabuka amabarabara ku bana b’abanyeshure bakiri bato.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ivyo birumvikana ugerageje kuraba abenshi bshira amafaranga imbere ahogushira imbere ubuzima bw’umuntu.Ariko kuvyo gutwara igitigiri kirenze akenshi n’abacungera igikorwa co kwunguruza abantu usanga babigiramwo uruhara rimwe narimwe mugupfumbatishwa. Mwogerageza mukabikurikirana kugira ubuzima bw’abantu bukingirwe .N’ivyo kwitaba amatelephone kw’aba chauffeur bari kuri volant mwobiraba kuko navyo biratuma amasanganya yibonekeza.Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.