IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi casabiwe (...)

Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi casabiwe gufutwa

dimanche 9 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi batandukanye b’igisagara ca Bujumbura, bari kumwe n’abantu isinzi bavuga ko ari abo mu mashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike, bagize imyiyerekano kuri uwu wa gatandatu imbere y’ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi. Abari muri iyo myiyerekano basavye ko ico gisata cofutwa mu Burundi.

Imyiyerekano nk’iyo imaze indwi zigera kuri zitatu itunganwa mu gisagara ca Bujumbura, aho hose abayigira bakaba baba bariko biyamiriza icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga ko hagiye kurungikwa umurwi utohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane umwaka w’2015.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi. Ico cegeranyo kivuga ko amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016 yatumye abantu bagera ku 564 bicwa, abo bahinga bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo nibafate ingingo abazungu bose batuvire mugihugu

  • nibatahe iwabo kuko twebwe ntabo dukeneye ugira kera nta onu yariho iciye iza kuntwaro yanyakubahwa nkurunziza nibatahe iwabo twarabahinyuye

  • Abarundi mugiye gusara murabura gukora imirimo ibatezimbere iyo mihanda mwirirwamwo niyo izabagaburira?abo banyepolitike babakoresha ejo ko bazobata ngaho byakomeye bakigira za buraya arinaho bamwe ICC izoca ibafata ikabafunga....

  • Hhaahah u Burundi buhanganye n’isi yose,vyatanguye ari u Rwanda hakurikira Belgique na France none ONU ubu niyo igezweho,hhaahh Ujinga ni Mzigo kweli

  • Abobantu bomurico gisata ca ONU munyumvira baravuze bamwe bakora kudeta bikabananira bakacabahungira Rwanda na Bulaya ko boshikirizwa ubutungane? Nimbabatabavuze icogisata CA ONU nikituvire mugihugu kuko ivyokiriko kirakora ntituzi uwogikorera ariko mumajambomake bakorera Rusoferi canke bugungwe Satani, guworero baramukoreye mumwanya araje abatwenge agireko abihinduke ababwire ngo mwebwe mwarananiwe gukubita ikinyomaneza atikuko harihibintu mutashizemwo kandivyabonwe nabeshi.

  • ABARUNDI NTIBAHARURA ABANTU BADASHOBORA NOKWIGURIRA NINDEGE NGOBOFUTA UON! NAKOBAFISE ARAKOBABAGABIYE KUMWAKAKA MBEKAMWEBABADENESHA KOKO MWUMVABARAKARISHE CANKEBAZOKAGENDAKWIDENI? IYOMYIYEREKANO BARIMWONTAKIZOVAMWO (UMURINDIWISAKE NUYIBUZAKUNYA ABARUNDI NTIBAHARURA ABANTU BADASHOBORA NOKWIGURIRA NINDEGE NGOBOFUTA UON! NAKOBAFISE ARAKOBABAGABIYE KUMWAKAKA MBEKAMWEBABADENESHA KOKO MWUMVABARAKARISHE CANKEBAZOKAGENDAKWIDENI? IYOMYIYEREKANO BARIMWONTAKIZOVAMWO (UMURINDIWISAKE NUYIBUZAKUNYA KWIREMBO)

  • Mbega shawewe VIVI , wobuzi ko Imana ikora ukwishaka?
    Mbega wobusi umuntu dukunze gusoma mugitabo citwa bibiliya yitwa Dawidi wibazako mwirya micungararo yabamwo koyariri mubantu vyibihangange? Ariko Imana niweyahisemwo gukoresha maze ashirahasi igihangange Goriyati. Umvandagusubiriremwo, ibindashobokera abana babantu imbere y’Imana birashoboka.

  • Iyo dusomye ibitutsi n’akagayo abarwanya Reta bakoresha mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo, duca tubona ko ata kindi kibavugisha atar’inda, amacakubiri, n’irari ry’ivy’isi gusa. Uburundi ni bubandanye urwo rugamba bwereke amakungu ko bwikukiye. Ntaco tuzoba iyo ONU ishigikiye inyankaburundi ntaco itumariye n’iya Shitani gusa. Tuzobaho tuzotungwa n’Imana. Kandi ivyo bizotuma tuba "Umuco w’Afrika" koko. N’abandi bazobona ko twafashe inzira yo kugwanira "intahe yacu yo kwikukira" kandi bazodukurikira.

  • Ni kuki bashaka guhera 2015 bizwi ko uburundi ubwicanyi nihohoterwa ryahereye kuva kera kuki batohera 1965 cane 1972 kumanuka kugeza uyumunsi abagiye bakora ibibi benivyo intahe ikabakubita mugahanga ibirenze ivyo vyumvikana ko intumbero bafise kuko uri ababuze imbere yaho 2015 nabonyene bari abarundi ubutungane bushaka gukora bukaremesha bose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.