Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisirikare c’Uburundi catanze Pasika muri Bubanza na Kirundo
Igisirikare c’Uburundi catanze Pasika muri Bubanza na Kirundo
dimanche 16 Ndamukiza 2017, par
Imiryango 500 yo muri zone Gihanga mu ntara ya Bubanza niyo yahawe imfashanyo ya Pasika igizwe n’imfungurwa zatanzwe n’igisirikare c’Uburundi. Umuryango umwe wose washikirijwe ibiro cumi vy’umuceri hamwe n’ibiro 10 vy’ibiharage.
Ico gikorwa cabaye kuri uwu wa gatanu cari gihagarariwe na Lieutenant Général Prime NIYONGABO umukuru w’ingabo z’Uburundi.
Lieutenant Général Prime NIYONGABO yamenyesheje ko iyo mfashanyo y’imfungurwa yavuye mu twigoro abasirikare bakoze mu mafungo ya Pasika, aho baheba rimwe rimwe gufungura, kugira ivyo bari kwihereza bizotangwe nk’imfashanyo ya Pasika ku banyagihugu bakozwe n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.

Imfashanyo nk’iyo nyene yarahawe iyindi miryango amajana atanu yo muri komine Busoni, intara ya Kirundo.
Abo banyagihugu bose bahawe izo mfungurwa bakaba bagaburiwe itoni zitanu z’ibiharage, hamwe n’itoni zitanu z’umuceri.
Abemera Kristu (Kristo) bahimbaza kuri uwu w’Imana umunsi mukuru wa Pasika, izuka rya Yezu (Yesu)
IGIHE
Messages
16 Ndamukiza 2017, 13:02, par bizimana phirbert
turakeje ingabo zigihugu.ni ndongozi zabo.kuva uburundi bwikukira ndibaza kubwaje nubwambere nunvise igikogwa nkico kungabo zigihugu.tuvyunva rimwe narimwe ino mumahanga .
16 Ndamukiza 2017, 13:38, par Wakera
Aratubesheye twebwe abasoda kuko ntitukironka ivyo turya! Natwe turakeneye iyo Buruguri y’abashinwa kuko 150g z’umuceri 300g z’ibiharage kumusi ntibiduhaza! Izombonerakure ashiriye utwokurya twacu turavyiyamirije!!! Kuko nkaha kuri position yo mu Nyamitanga na Gihungwe tumaze imisi tutaronka K8 !!! Turiyamirije uwo Prime yataye umurongo ahubwo naje mumugambwe kumugaragaro cokimwe na Ndayishimiye!
16 Ndamukiza 2017, 13:57, par mbazumutima jerome
Bakozeneza Imana ibibaherumugisha mwishicane ,bakoze ivyananiye abanyamadini biyitirira Imana batazigufasha abisanzwe ibarizwamwo !! Yesu yavuzengo niwahebera uwushonje ivyowarikurya uzobukozikintu cizacane ninakwogusenga nokwisonzesha Imana ishima kuruta kwikebagura nokwiyicishinzara atarukundo igira.nabandi bavyigiheko Imana ihezagire igisirikare cacu ninzegozigihugu bahagarariye kumurangono mwijoro muguhebamagara kugezakugupfa .turakarama
16 Ndamukiza 2017, 15:12, par Mukristumurugendo
Abobasirikare buburundi bakomeze bahezagirwe kuko baratubereye vyose!
Rabanamwe inyuma yokuturwira rubunda bakoreshwa n’Imana kugira bahagarike ibimwenyi vyashaka kumara abarundi none nimurabe abatahitanwe nibimwenyi abasirikare buburundi baciye bigora baza kubagarukirako kumihanayabo babazaniye nakajumpu kukobaziko uwarokotse ibimwenyi ntabayararose ivyaziganyiriza kazoza.
Basirikare mukomeze muhezagirwe na Mushoboravyose kandi mugire Paska nziza ahomuri hose mu Burundi kagati nokumbibe zu Burundi, nohanze iyomwagiye gufasha kugarukana amahoro mu bindibihugu kugira muhashe ababangamira abenebihugu.
Ndasavye babandi sebarundi yabwira ngobandike ibitabo namaresi, nibivyose muriko murakora bazobishiremwo.
16 Ndamukiza 2017, 20:56, par Turaje
Uwo musuma witwa WAKERA we ntimuzamuhe kumuceri. Ikimukwiriye ni agafuni.
16 Ndamukiza 2017, 23:38, par Wakera
Uburero imbonerakure, interahamwe na FDLR baronka ravitaillement cokimwe nico cahoze citwa igisirikare c’uburundi! Nibara kumutemere!
17 Ndamukiza 2017, 05:22, par kayogoro
Ivyontibidukanga turiho kandi tuzokwamaho
17 Ndamukiza 2017, 08:57, par Nowera Nimbona
Ahubwo yatanze bikeya yagaburira uburundi bwose uwomwicanyi wa Nkurunziza Petero.
17 Ndamukiza 2017, 11:16, par Cobla
Ewe Wakera Jewe Nubu Nguma Mvuga Nukuvuga Ubu Ntamuntu Numwe Aca Kurubuga Ataziko Ivyuvuga Aribisunikwa Nimpwemu Wewe Ntawagutumye Kuvugira Abasirikare Ntanzara Bagifise Mugisoda Wewe Ugiheruka Kera Utarakukuruka Cikitwa F B. Ubu Ni F D N Wangu Carahindutse Ugiheruka Kera Urazotohoza Ivyo Kwibeshera Naho Ngo Inzara Irabishe Munyamitanga Uwokubaza Nikambi Yokifie Karya Karere Ntaniyuzi Kiretse Gutukisha Inzego Gusa. Ariko Uzoteba Uhore.
17 Ndamukiza 2017, 15:33, par RUKUNDO.
TURIMY KUKIGORO MWAGIZ KO GUFASHA ABAKENE ARIKO ABAKENE BAHAND TWARABUZE.
17 Ndamukiza 2017, 18:12, par Wakera
@cobla, Ni FDN (force de Destabilisation Nationale), igisoda cari icakera kitarajamwo imbonerakure, interahamwe, FDLR. Inzara, ubukene birishe abari mucahoze citwa igisoda c’uburundi! None na Buruguri yacu bayishiriye imbonerakure zo kwaba Bitaryumunyu! Mbega ibara!
24 Ndamukiza 2017, 18:49, par Eslon Nyabenda
Imana ibafashekuwomutimaw,urukùndomwagize.