IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisirikare c’Uburundi catanze Pasika muri Bubanza na Kirundo

Igisirikare c’Uburundi catanze Pasika muri Bubanza na Kirundo

dimanche 16 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Imiryango 500 yo muri zone Gihanga mu ntara ya Bubanza niyo yahawe imfashanyo ya Pasika igizwe n’imfungurwa zatanzwe n’igisirikare c’Uburundi. Umuryango umwe wose washikirijwe ibiro cumi vy’umuceri hamwe n’ibiro 10 vy’ibiharage.

Ico gikorwa cabaye kuri uwu wa gatanu cari gihagarariwe na Lieutenant Général Prime NIYONGABO umukuru w’ingabo z’Uburundi.

Lieutenant Général Prime NIYONGABO yamenyesheje ko iyo mfashanyo y’imfungurwa yavuye mu twigoro abasirikare bakoze mu mafungo ya Pasika, aho baheba rimwe rimwe gufungura, kugira ivyo bari kwihereza bizotangwe nk’imfashanyo ya Pasika ku banyagihugu bakozwe n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.

Imfashanyo nk’iyo nyene yarahawe iyindi miryango amajana atanu yo muri komine Busoni, intara ya Kirundo.

Abo banyagihugu bose bahawe izo mfungurwa bakaba bagaburiwe itoni zitanu z’ibiharage, hamwe n’itoni zitanu z’umuceri.

Abemera Kristu (Kristo) bahimbaza kuri uwu w’Imana umunsi mukuru wa Pasika, izuka rya Yezu (Yesu)


IGIHE

Messages

  • turakeje ingabo zigihugu.ni ndongozi zabo.kuva uburundi bwikukira ndibaza kubwaje nubwambere nunvise igikogwa nkico kungabo zigihugu.tuvyunva rimwe narimwe ino mumahanga .

  • Aratubesheye twebwe abasoda kuko ntitukironka ivyo turya! Natwe turakeneye iyo Buruguri y’abashinwa kuko 150g z’umuceri 300g z’ibiharage kumusi ntibiduhaza! Izombonerakure ashiriye utwokurya twacu turavyiyamirije!!! Kuko nkaha kuri position yo mu Nyamitanga na Gihungwe tumaze imisi tutaronka K8 !!! Turiyamirije uwo Prime yataye umurongo ahubwo naje mumugambwe kumugaragaro cokimwe na Ndayishimiye!

  • Bakozeneza Imana ibibaherumugisha mwishicane ,bakoze ivyananiye abanyamadini biyitirira Imana batazigufasha abisanzwe ibarizwamwo !! Yesu yavuzengo niwahebera uwushonje ivyowarikurya uzobukozikintu cizacane ninakwogusenga nokwisonzesha Imana ishima kuruta kwikebagura nokwiyicishinzara atarukundo igira.nabandi bavyigiheko Imana ihezagire igisirikare cacu ninzegozigihugu bahagarariye kumurangono mwijoro muguhebamagara kugezakugupfa .turakarama

  • Abobasirikare buburundi bakomeze bahezagirwe kuko baratubereye vyose!
    Rabanamwe inyuma yokuturwira rubunda bakoreshwa n’Imana kugira bahagarike ibimwenyi vyashaka kumara abarundi none nimurabe abatahitanwe nibimwenyi abasirikare buburundi baciye bigora baza kubagarukirako kumihanayabo babazaniye nakajumpu kukobaziko uwarokotse ibimwenyi ntabayararose ivyaziganyiriza kazoza.
    Basirikare mukomeze muhezagirwe na Mushoboravyose kandi mugire Paska nziza ahomuri hose mu Burundi kagati nokumbibe zu Burundi, nohanze iyomwagiye gufasha kugarukana amahoro mu bindibihugu kugira muhashe ababangamira abenebihugu.
    Ndasavye babandi sebarundi yabwira ngobandike ibitabo namaresi, nibivyose muriko murakora bazobishiremwo.

  • Uwo musuma witwa WAKERA we ntimuzamuhe kumuceri. Ikimukwiriye ni agafuni.

  • Uburero imbonerakure, interahamwe na FDLR baronka ravitaillement cokimwe nico cahoze citwa igisirikare c’uburundi! Nibara kumutemere!

  • Ivyontibidukanga turiho kandi tuzokwamaho

  • Ahubwo yatanze bikeya yagaburira uburundi bwose uwomwicanyi wa Nkurunziza Petero.

  • Ewe Wakera Jewe Nubu Nguma Mvuga Nukuvuga Ubu Ntamuntu Numwe Aca Kurubuga Ataziko Ivyuvuga Aribisunikwa Nimpwemu Wewe Ntawagutumye Kuvugira Abasirikare Ntanzara Bagifise Mugisoda Wewe Ugiheruka Kera Utarakukuruka Cikitwa F B. Ubu Ni F D N Wangu Carahindutse Ugiheruka Kera Urazotohoza Ivyo Kwibeshera Naho Ngo Inzara Irabishe Munyamitanga Uwokubaza Nikambi Yokifie Karya Karere Ntaniyuzi Kiretse Gutukisha Inzego Gusa. Ariko Uzoteba Uhore.

  • TURIMY KUKIGORO MWAGIZ KO GUFASHA ABAKENE ARIKO ABAKENE BAHAND TWARABUZE.

  • @cobla, Ni FDN (force de Destabilisation Nationale), igisoda cari icakera kitarajamwo imbonerakure, interahamwe, FDLR. Inzara, ubukene birishe abari mucahoze citwa igisoda c’uburundi! None na Buruguri yacu bayishiriye imbonerakure zo kwaba Bitaryumunyu! Mbega ibara!

  • Imana ibafashekuwomutimaw,urukùndomwagize.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.