IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igitoro kibandanya kubura mu bibanza bitandukanye

Igitoro kibandanya kubura mu bibanza bitandukanye

mardi 2 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubukene bw’igitoro bubandanya kwibonekeza mu ntara zitandukanye z’Uburundi. Kurondera igitoro mu gisagara ca Bujumbura bisigaye bifatwa nk’ukurondera umuzi w’ibuye.

Abakoresha imiduga yaba abiyunguruza bisanzwe, canke abayikoresha mu guca amahera baridoga ko ubwo bukene bw’igitoro buhungabanya ibikorwa vy’abo, gushika aho mbere bamwe muribo basigaye bagurira mu kinyegero ico gitoro kigeze ku mafaranga ibihumbi bitanu kw’iritiro imwe.

Imirongo miremire niyo ibandanya kwibonekeza mu bibanza bigurirwamwo ico gitoro, naho nyene abakironse kikaboneka bagitondeye amasaha menshi.

Umwe mu bagendesha imiduga twashoboye kuganira avuga ko kuri uwu wa mbere, yashitse ahagurirwa ico gitoro isaha cumi n’imwe z’agatondo, ariko akaba yahavuye isaha icenda z’umurango, aho hose akaba yari agitondeye ico gitoro.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu hamwe n’ikigo OBR ntibavuga rumwe ku kibazo c’ubukene bw’igitoro. Ubushikiranganji bwashize ikibazo kuri OBR kubera ubuhinga bw’ivyuma bwagoranye, abo muri OBR nabo barabibeshuza ko ata kibazo bigeze bagira catumye haba ubukene bw’igitoro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.