Accueil > Amakuru > u Burundi > Igitoro kibandanya kubura mu bibanza bitandukanye
Igitoro kibandanya kubura mu bibanza bitandukanye
mardi 2 Rusama 2017, par
Ubukene bw’igitoro bubandanya kwibonekeza mu ntara zitandukanye z’Uburundi. Kurondera igitoro mu gisagara ca Bujumbura bisigaye bifatwa nk’ukurondera umuzi w’ibuye.
Abakoresha imiduga yaba abiyunguruza bisanzwe, canke abayikoresha mu guca amahera baridoga ko ubwo bukene bw’igitoro buhungabanya ibikorwa vy’abo, gushika aho mbere bamwe muribo basigaye bagurira mu kinyegero ico gitoro kigeze ku mafaranga ibihumbi bitanu kw’iritiro imwe.
Imirongo miremire niyo ibandanya kwibonekeza mu bibanza bigurirwamwo ico gitoro, naho nyene abakironse kikaboneka bagitondeye amasaha menshi.
Umwe mu bagendesha imiduga twashoboye kuganira avuga ko kuri uwu wa mbere, yashitse ahagurirwa ico gitoro isaha cumi n’imwe z’agatondo, ariko akaba yahavuye isaha icenda z’umurango, aho hose akaba yari agitondeye ico gitoro.
Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu hamwe n’ikigo OBR ntibavuga rumwe ku kibazo c’ubukene bw’igitoro. Ubushikiranganji bwashize ikibazo kuri OBR kubera ubuhinga bw’ivyuma bwagoranye, abo muri OBR nabo barabibeshuza ko ata kibazo bigeze bagira catumye haba ubukene bw’igitoro.
IGIHE
Messages
2 Rusama 2017, 11:20, par akana
Urwo ni u Rwanda nta bandi hhhhhhhhhhhh pauvre burundi
2 Rusama 2017, 19:34, par Zacharie
Ababijejw Nibarabe Uko Igitoro Coboneka Kuko Ubukene Bwoca Busongerisibe Kuko Mubigize Igihugu Igitoro Nico Kigize Igihugu Nabanyagihugu Bose
2 Rusama 2017, 20:43, par J MArie
None Tubaze Ndekubijanye NIgitoro Ahubwo Nibakure Uwubijejwe Nabogozwe Bashireho Uwundi
2 Rusama 2017, 22:07, par Yvan
Hahsh yewe barundi
4 Rusama 2017, 06:05, par SIN EGIDE
NI BAKORE UKO BASHOBOYE IGITORO KIBONEKE NKO MU BINDI BIHUGU
5 Rusama 2017, 07:05, par SENGIYUMVA TOTI
NTANGANIKA RURIHO NIBAGENDE BAVOME BAPAKIRE MUMAGARI, SINIRIRWA NUMVA BARIRIMBA NGO IGITORO KIRUZUYE MURI RUSIZI NATANGANIKA!?.