Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiturire cavuzwe ku rugero rwo hejuru mu butungane n’igiporisi
Igiturire cavuzwe ku rugero rwo hejuru mu butungane n’igiporisi
samedi 25 Ntwarante 2017, par
Icegeranyo c’umurwi wamaho w’abashingamateka b’Uburundi bajejwe intwaro ibereye cerekanye ko igiturire ciraye mu bisata bimwe bimwe vy’ubutegetsi bw’Uburundi.
Igisata c’ubutungane hamwe n’igiporisi nivyo vyavuzwemwo ruswa yo ku rugero rwo hejuru, ariko ico giturire kikaba kivurwa kandi mu bisata vy’inyigisho, ubudandaji, ubuvuzi, ubutare n’agataka hamwe n’igisata c’ugutanga amasoko.
Abashingamateka bakoze ico cegeranyo bavuga ko bagendeye intara zigera kuri 12 z’Uburundi, aho biboneye uko ibijanye n’ukurya igiturire vyifashe, ubutungane bukaba aribwo buza kw’isonga.

Serge NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye yamenyesheje ko abacamanza hamwe n’abaporisi bigenza neza bariho, ko abarya igiturire ari abaca kubiri n’inyigisho baba bahawe, abo nabo bagahanwa ku gatwe kabo.
Uwo murwi wamaho w’amashingamateka b’Uburundi bajejwe intwaro ibereye wasavye ko hohinduka ingingo zimwe zimwe zo mu mategeko yo kurwanya igiturire.
IGIHE
Messages
25 Ntwarante 2017, 11:58, par SEBASTIEN
HUBWO NI BABANYARE; CANE MU MA SENTARE
25 Ntwarante 2017, 18:34, par nyabenda
Nkabapolisi bakorera kuri airport
bakwiye kwirukanwa bose
atanumwe avuyemwo barateye isoni
25 Ntwarante 2017, 22:06, par Wakera
Ntabutungane buhari mu Burundi, igipolisi casubiriwe n’imbonerakure!!! Ntaciza cova kubutegetsi bwa DD kuko ntibaramenya ko batakiri mwishamba aho bagenda barasahura aho baciye hose, bica, bongera bafata abakenyezi n’abakobwa kunguvu!
25 Ntwarante 2017, 23:03, par Mandela
Non Abantu Bariko Batsindwa Kuber Ibiturir Kandi Bizwi Abo Bantu Bazoteba Batunganirizw?
26 Ntwarante 2017, 17:35, par Nyabenda
MAIRIE ugenda kurondera attestation de naissance bigafata imisi ibiri
Barya bandikira amakete kwibarabara bose bakwiye kuhava
aho ni mu Bwiza 6
Barateye isoni
26 Ntwarante 2017, 21:52, par eme
ubu hatsinda amahera abacamanza bariko.baratukisha igihugu bari bakwiye kwirukana nkicakane cabacamanza babarundi
28 Ntwarante 2017, 14:19, par Nzohabonayo Isaie
barabibona,bakabivuga,mugabo ntibabafata.iyaba babahana vyoba arivyiza
28 Ntwarante 2017, 20:04, par NDABIRORERE MARTIN
IGIPORISI CUBURUNDI KIRARENZE MUKURYA IBITURIRE NICO KIZOTUMA UBURUNDI BURWA MUMANGA