Ihuriro RFPB rihamagarira abaporisikazi kwijukira ibikorwa vy’iterambere

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 14 Munyonyo 2017 saa 02:23
Yasomwe : 4617
0 0

Urunani rw’abakenyezi b’abaporisi mu Burundi (RFPB : Réseau des Femmes Policières du Burundi) ruhamagarira abakenyezi b’abaporisi bose kwijukira ibikorwa vy’iterambere kugira nabo biyumve nk’abandi bakozi.

Général Générose NGENDANGANYA arongoye ihuriro ry’urunani rw’abakenyezi b’abaporisikazi mu Burundi, mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura inama ya bose yahuje kuri uwu wa kabiri abagize iryo huriro, yamenyesheje ko batunganije iyo nama kugira barabire hamwe ibikorwa vyaranguwe bisanzwe biri mu ndinganizo y’ibikorwa vyari bitegekanijwe mu mwaka wa 2017, guhinyanyura amategeko agenga urwo rwego, gutora inzego nshasha hamwe no kumenyekanisha igisata kijejwe iterambere ridakumira mu bushikiranganji bw’umutekano mu gihugu.

JPEG - 13.2 ko
Général Générose NGENDANGANYA arongoye ihuriro ry’urunani rw’abakenyezi b’abaporisikazi mu Burundi

Général Générose NGENDANGANYA yashikirije ko muri urwo runani batunganije iyo nama ku baporisikazi baturutse mu burere bwose bw’igiporisi, kugira bongere babaronse ubumenyi bukwiye ku bijanye n’ibikorwa vy’iterambere.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha