Ihuriro rya mbere ry’urwaruka rwo muri Afrika ryatanguye i Bujumbura

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 21 août 2017 saa 01:54
Yasomwe : 15831
0 0

Ihuriro rya mbere ry’urwaruka ku rwego rwa Afrika ryatanguye i Bujumbura kuva kuri uwu wa mbere gushika ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 25 Myandagaro 2017. Urwaruka ruvuye mu bihugu bitandukanye vya Afrika nirwo rwitavye iryo huriro. Urwaruka rwo mu Burundi rwaserukiwe na batatu ku ntara imwe yose muri 18 zigize igihugu c’Uburundi.

Nk’uko bivugwa n’umukuru wa AJAP Africaine, ishirahamwe ryatunganije iryo huriro, ihangiro ni ukuraba ico urwaruka rwokora kugira rushobore kuronka Afrika yiyunze kandi iteye imbere, hamwe n’ugushira hamwe intererano z’urwaruka zofasha ama Reta kumenya ico yokora kugira urwaruka ruve mu ngorane rurimwo.

Eric NSENGIMANA, umukuru w’ishirahamwe AJAP Africaine avuga ko urwaruka rwitavye iryo huriro rukwunguka vyinshi.

"Urwaruka ruriteze ibizorufasha, nka cane cane ca kigega dushaka gushinga c’ukuziganiriza urwaruka muri Afrika. Tuzohanahana ivyuyumviro vy’ingene twoshobora kwikura mu bukene twebwe nyene. Urwaruka ruriteze n’inyigisho zidasanzwe zizorufasha kuva mu ndyane za poritike."

JPEG - 3.8 Mo
Eric NSENGIMANA, umukuru w’ishirahamwe AJAP Africaine

Mu bibazo bihanze urwaruka muri Afrika, ishirahamwe AJAP rivuga ibura ry’akazi, urwaruka rukoreshwa mu ndyane za poritike, muri iryo shirahamwe bakavuga ko bagiye kwegeranya ivyiyumviro vy’ivyokorwa kugira izo ngorane zihagarare, urwaruka rushobore kwiteza imbere.

NSENGIMANA Eric abandanya agira ati : "Mu mwaka w’2015, urwaruka rwo mu Burundi rwarapfunzwe, abandi baricwa, ivyo si agaseseshwarumuri. Muri Afrika urwaruka rukunze kugira ingaruka z’ingorane za poritike z’ibihugu rubamwo, ivyo vyose dushaka ko bihagarara, tureke kwama dukoreshwa tutari ibikoresho"

Iryo huriro rya mbere ry’urwaruka ku rwego rwa Afrika ryatunganijwe ku civugo : "Umugabane wa Afrika, urwaruka rwiyemeje kugira ico rukora : Ni uruhe ruhara urwaruka rwa Afrika rwoterera maze ngo turonke Afrika itekanye, iteye imbere muvy’ubutunzi, ikomeye kandi irangwa n’ubumwe ?".


Kumenyekanisha

1
Samuel 24-08-2017 à 00:07

Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

2
Samuel 24-08-2017 à 00:07

Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

3
Samuel 24-08-2017 à 00:07

Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

4
Samuel 24-08-2017 à 00:07

Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

5
nephtalie 23-08-2017 à 12:22

rwaruka muri urumuri rwa continent yacu Afrika ndabahanura kuja inama nziza iteza imbere umugabane wacu wa Africa mugashigikira amigambi yama leta yanyu atari mubikorwa vyo guhungabanya umutekano muja mumigumuko.

6
Hicuburundi 22-08-2017 à 08:21

Ntakintu nakimwe kizima kizova muriyo nama,kereka nimba CNDD-FDD igiye gutanga icigwa co kwica kuko ubwenge bwobwo ntabwo

7
ciza 21-08-2017 à 22:38

Mwoba mwavuze ko leta yanyu igomba guhagarika gukoresha imbonerakure amabi ko nabo ari urwaruka ? Murakoze

8
Jean Laurent NKESHIMANA 21-08-2017 à 14:40

urwaruka nibo bashingantahe b’ejo, ni bo mushinge w’iterambere, ni bo bategetsi b’ejo hazoza ! Uruhara nyamukuru n’ugushigikira amahoro, ubumwe n’umutekano biciye mumigambi yakazoza, mugukorera ineza yabo ubwabo n’igihugu cabibarutse, na cane cane mukwiyumvira ico bokora ngo bave mubukene n’inzara kuko ingorane nyamukuru ari iyi nda, ariyo abaduteranya bahagararako kugira baducanishemwo !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha