IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’abakora amakosa bakitwaza ko vyavuye "hejuru" cavuzwe mu nama (...)

Ikibazo c’abakora amakosa bakitwaza ko vyavuye "hejuru" cavuzwe mu nama nshingamateka

jeudi 5 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri ico cegeranyo, Gaston SINDIMO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu arashima ibikorwa vyaranguwe muri ico gice ca mbere c’umwaka, ariko akemeza ko ubushikiranganji nka bwose bwegukira ibiro vyiwe bwahuye n’ikibazo c’ubukene bw’amafaranga, cane cane bitewe n’ikibazo c’ibihugu vyahagaritse imigenderanire n’Uburundi, hakaba bategekanijwe ibiganiro vy’ukunagura iyo migenderanire, hamwe n’ukurondera abandi bafasha Uburundi.

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, yagarutse ku ntwaro ibereye, aho hari abakora amakosa, ariko bakavuga ko babitumwe n’abo hejuru.

“Hariho ingendo yibonekeza y’amakosa amwe akorwa, hanyuma iyo akozwe, urashobora gusanga uriko urakurikirana idosiye bakakubwira ngo bivuye hejuru, canke ngo ni systeme. Ivyo ni ibintu mwokorerako cane.”

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO akaba yasavye ko iyo mvugo itosubira kwemerwa, akibutsa ko hejuru ubwa mbere hari umukuru w’igihugu, hagakurikira umukuru w’inama nshingamateka, hanyuma hagakurikira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Gaston SINDIMWO ati : “N’uko ata muntu n’umwe yosubira kwitwaza ngo vyavuye hejuru. Turasaba inzego zibijejwe ari iz’ubutungane, canke umutekano, ko zitosubira kuvuga ko vyavuye hejuru.”

Umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO yashikirije kandi ibijanye n’agahombo avuga ko Uburundi bugira iyo burungitse Abarundi kwiga hanze ariko ntibagaruke, ivyo yise ubusuma bukorwa ku ncabwenge z’Uburundi ziba zarungitswe mu bihugu vyo ku mugabane wa Buraya, na Amerika.

Kuri ico kibazo, Gaston SINDIMWO atanga akarorero k’intwazangabo z’Uburundi zirungikwa kwiga hanze ariko ntizitahuke ivyigwa biheze.

“Mu gisirikare hari aba Officiers babiri mu Bufaransa batagarutse, aba Officiers 29 batagarutse bari mu Bubirigi, muri Reta zunze ubumwe za Amerika hariyo aba Officiers umunani, muri Ethiopia hariyo aba Officiers bane, mu Bugiriki hariyo aba Officiers babiri, mu Rwanda umu Officiers umwe, hamwe no muri Canada umu Officier umwe. Mu Bubirigi hariyo aba Sous-Officiers babiri, muri Reta zunze ubumwe za Amerika hariyo naho nyene umu Sous-Officier umwe.”

Agathon RWASA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi nawe akavuga ko abantu bakwiye kwigishwa kwihanganiranira hagati y’abadahuje ivyiyumviro vya poritike, agatanga akarorero k’umuntu yishwe mu ndwi iheze muri komine Mugina mu ntara ya Cibitoke azira ivyiyumviro vyiwe vya poritike.

Ubushikiranganji bukukira ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ni ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubushikiranganji bw’umutekano, ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, ubushikiranganji bw’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, ubushikiranganji bw’intwaro ibereye, ubushikiranganji bw’ubutungane, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, hamwe n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Hano ibintu biratwengeje,mu ndwi ziheze umu General utegeka umugambwe ahagaze imbere yabanyagihugu avuga ko badakeneye abanyamahanga,Uburundi bukize cane,Umu Congomani Gaston nawe ari mu bashingamateka arira ko ubushikiranganji bwahuye ningorane zo gukena amafaranga,umwe wese yivugira ico yishakiye,Uburundi bwacu ababutegeka !!!!!!!!!!! ko bwagowe bwabaye nkimbwa yacitse ikiziriko igahura nabana mwibarabara,bufise leta zingahe kugeza aho umwe araba Bujumbura Mairie akabona ko igizwe nimisozigusa ,uwundi akabona ko igizweahanini nibiyaya,kandi bose.Nitwikebuke tugirire ikigongwe abarundi benshi binjiye mu magorwa atagira izina

  • Ku bijanye n’abagiye kwiga mu mahanga bakigumirayo, babonye ko n’ubundi bagarutse atakarusho boronka kuko kwiga cane bitakigira agaciro. Ehe raba nawe:
    1.Urashobora kuba wiyigiye CFA ( Centre de Formation Artisanale) harya kw’Ijabe ugatwara igihugu.
    2.Urashobora gutwara Commune canke Provensi utahejeje n’umwaka wa 6. Uburorero ni bwinshi. None izo ncabwenge zibereye hanze wumva zikenewe mu biki?
    3.Bavuze aba ofisiye bari za Bulaya, Amerika na Canada bahisemwo kwigumirayo. We wotaha gute kandi wize mu bihugu vy’abakeba? Wumva abagifashe bababonye bobihanganira kandi baje kubakura amata mu kanwa?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.