IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo API cashikirije imigambi n’intumbero vyokurikizwa n’abanyamitahe

Ikigo API cashikirije imigambi n’intumbero vyokurikizwa n’abanyamitahe

jeudi 5 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ivyo SENTORE akaba yabishikirije mu gihe yari ahejeje gutanga icegeranyo c’ivyaranguye n’ikigo API mu gice ca mbere c’umwaka. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018, Leonard SENTORE yashikirije ko mu vyaranguye n’ico kigo, handitswe amashirahamwe 680 afise imigambi yo gutanga ubuzi ku bakozi 4912, bigaragara ko amashirahamwe yiyongereye mu gihugu ku bice bishika kuri cumi kw’ijana, nk’uko vyemezwa n’uwurongoye ikigo API.

Leonard SENTORE, amenyesha kandi ko, imigambi 10 ariyo yaronse uburenganzira bw’uburusho bwateguwe n’ikigo arongoye, iyo migambi nayo ikaba itegekanya gutanga ubuzi 850, ikaba izotwara amafaranga y’amarundi 5834292066, muri iyo migambi yose, 6 ni iy’abarundi, 2 yab’abanyamahanga n’iyindi 2 ihurikiwemwo bose.

JPEG - 102.8 ko
Leonard SENTORE, Umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API

Uwo muyobozi amenyesha kandi ko abafise imitahe na Reta itagiye inyuma, bokwegera ico kigo kugira kibahe imigambi ijanye n’ibigezweho vyotuma baronka akarusho mu migambi yabo, kugira ubutunzi bwabo ndetse n’ubw’igihugu butere imbere.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.