Ikigo API cashikirije ivyaranguwe mu mezi atatu n’ingorane zahabaye

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 20 Gitugutu 2017 saa 04:02
Yasomwe : 5265
0 0

Ikigo kijejwe gushigikira abanyamitahe API (Agence Burundaise de Promotion des investisseurs) kimenyesha ko cashoboye kwandika amashirahamwe angana 500 mu mezi atatu aheze, ayo akazoshobora gutanga ubuzi bushika ibihumbi 3335 aho uwu mwaka hiyongereye ibice 2,8 kw’ijana ugereranije no mu mwaka uheze ku mashirahamwe amaze kwandikwa.

Mu gihe ico kigo cashira ahabona kuri uwu wa gatanu ivyaranguwe muri aya mezi atatu aheze, umuyobozi mukuru w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA yamenyesheje ko amashirahamwe 499 aharugwa ku bice 93 kw’ijana ari amashirahamwe ndundi, mu gihe ibice birenga 4 kw’ijana ari amashirahamwe akomoka hanze y’igihugu, ibice 2 kw’ijana navyo akaba ari amashirahamwe acanze yashinzwe n’abarundi bari kumwe n’abanyamahanga.

JPEG - 62.1 ko
Umuyobozi mukuru w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA

Bimwe mu vyaranguwe n’ikigo API mu mezi atatu aheze, muri ico kigo bavuga amategeko yahinyanyuwe agenga abanyamitahe, ishirwaho ry’agatabu-ndongozi ku banyamitahe bipfuza kuyizana mu Burundi, ugukarihiriza ubwenge abakozi b’ikigo API, uguteza imbere urudandazwa njabukamazi hamwe n’uruhara mu gutunganya amahayanishwa-gurishwa abiri y’ibihugu vya Kenya na Tanzaniya.

Iruhande y’ingorane zijanye n’uburyo buke ku bijanye n’ibikoresho n’amafaranga vyatumye imirimo imwimwe y’ico kigo itaranguka, ibidandazwa biva mu Burundi vyarahuye n’ingorane yo kudahurumbirwa cane kuko ivyo bidandazwa bidafise impapuro zemeza ko vyahinguwe hisunzwe ibisabwa n’amategeko. Muri ico kigo bavuga ko inama zizotegurwa kuri ico kibazo, kugira abo vyega bose baterere ku vyokorwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha