Ikinyamakuru IWACU cafatiwe ibihano na CNC

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 11 Ndamukiza 2018 saa 03:28
31860
0 0

Urwego rw’igihugu rujejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora, CNC (Conseil National de Communication) rwahagaritse kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018 igisata kijejwe kwakira ivyiyumviro vy’abasomyi (Rubrique Commentaires) mu kinyamakuru IWACU.

KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC avuga ko ico kinyamakuru caretse ivyiyumviro bitubahiriza amategeko y’umwuga w’ukumenyeshamakuru birarengana kuri urwo rubuga rw’ivyiyumviro vy’abasomyi b’ikinyamakuru IWACU.

"Twarasuzumye ivyanditswe muri IWACU mu vyiyumviro bitangwa n’abasoma twita [Rubrique Commentaires.] Ni ukuraba ivyo umuntu avuze, iyo biciye kubiri n’amategeko, nturekuriwe nk’umunyamakuru kubireka bikandikwa canke bikavugwa. Kuri ivyo rero twafashe ingingo y’uguhagarika ku kiringo c’amezi atatu igisata kijanye n’ugutanga ivyiyumviro ku buhinga bwa none"

JPEG - 72.5 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru wa CNC

Igisata c’ivyiyumviro mu kinyamakuru gifatiwe ibihano ku ncuro ya kabiri, kuko mu mwaka w’2013, ico gisata cari cahagaritswe mu kiringo c’ukwezi kumwe, ico gihe urwego CNC rukaba rwagirije ikinyamakuru IWACU co caretse ivyiyumviro bityoza umukuru w’igihugu kandi bihungabanya umutekano w’igihugu birarengana.


Kumenyekanisha

1
Mama 12-04-2018 à 16:13

Ninkabobantu bazabarandika ivyobabona kwarivyokorako ibinyamakuru vyacu!

2
kankindi 11-04-2018 à 15:43

iconico

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha