Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imanza z’abakora ibidodo vya magendu zicibwa na Sentare zirwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imanza z’abakora ibidodo vya magendu zicibwa na Sentare zirwanya (...)

Imanza z’abakora ibidodo vya magendu zicibwa na Sentare zirwanya ibiturire

lundi 19 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ngingo zafashwe mu ntumbero y’ugutuza abigana inzandiko, ibidodo hamwe n’ibimangu, mu bushikiranganji bw’ubutungane bw’Uburundi bamenyesha ko abafashwe batosubira gushikirizwa Sentare zisanzwe, ahubwo bagashirwa imbere ya Sentare zijejwe kurwanya ibiturire, kuko ariho imanza z’abafashwe zonyaruka gucibwa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji w’ubutungane asaba abajejwe intwaro, hamwe n’abanyagihugu ko boza baritura abajejwe umutekano, mu gihe bagize amakenga ku nzu zikora ibidodo zitabisabiye uruhusha.

JPEG - 865.3 ko
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane (i buryo)

Tubibutse ko ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bwerekanye kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017, umukozi w’ubwo bushikiranganji yahora akora ubusuma abicishije mu gusabira uturusho abakozi ba Reta, ababaho n’abatabaho.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi, uwafashwe azwi kw’izina rya Fabien HAKIZIMANA, akaba yahora yiba Reta abicishije mu gusabira uturusho abakozi akoresheje impapuro ziriko ibidodo vya magendu vy’ubwo bushikiranganji.

Uumushikiranganji w’abakozi n’akazi yamenyesheje ko igitigiri c’amafaranga ya Reta yari amaze kwibwa biciye muri ukwo gusabira abakozi uturusho tutabaho kizomenyekana inyuma y’amatohoza azokorwa ku mpapuro zerekana abari bamaze kuronka utwo turusho.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.