Accueil > Amakuru > u Burundi > Imashini nyabwonko (Ordinateurs) 18 zahiriye mu muriro wateye ahakorera (...)
Imashini nyabwonko (Ordinateurs) 18 zahiriye mu muriro wateye ahakorera REGIDESO
mercredi 23 Myandagaro 2017, par
Uwo muriro watanguye nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu, abo mu giporisi kijejwe gukinga impanuka bakaba baciye bihutira kuzimya. Amakuru ya mbere ava aho mw’ishirahamwe REGIDESO avuga ko uwo muriro utatewe n’ikibazo c’intsinga z’amatara (Court-circuit), kuko aho uwo muyagankuba uva (compteur), hamwe n’aho uwo muyagankuba uzimirizwa canke ukatswa (Fusible) ataco habaye.

Nk’uko tubikesha umumenyashamakuru w’ikinyamakuru IGIHE ari aho kuri REGIDESO, ahabereye iyo mpanuka y’umuriro, imashini nyabwoko cumi na zitandatu (18 Ordinateurs) nizo zimaze kumenyekana ko zahiye, hamwe n’impapuro (Dossiers) zo mu gisata kijejwe kurihisha abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO (Cellule facturation). N’imashine zijejwe gusohora impapuro (Imprimantes et Photocopieuses) zahiriye muri uwo muriro, hamwe n’intebe n’amameza yari muri aho hahiye.

Tubamenyeshe ko uwujejwe igisata c’ububiko bw’amafaranga mw’ishirahamwe REGIDESO yari agiye ku kazi kwugururira abazimya yagize isanganya ageze hafi y’ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge. Uwo mupfasoni yahora akorera ishirahamwe REGIDESO akaba yaciye yitaba Imana aho nyene.

Ayandi makuru ajanye n’iyo mpanuka y’umuriro turayagarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

IGIHE
Messages
23 Myandagaro 2017, 12:33, par nephtalie
turahojeje umuryango wabuze Imana imwakire mu bwami bwayo
24 Myandagaro 2017, 09:21, par Kararuza
Uyo mu Maman Imana imwakire,mugabo icibonekeza uyo ni umuvumo wazanywe na DD na Peter Nkurunziza