Accueil > Amakuru > u Burundi > "Imbonerakure ni urwaruka ruteguye neza" - Joseph NTAKARUTIMANA
"Imbonerakure ni urwaruka ruteguye neza" - Joseph NTAKARUTIMANA
mardi 27 Ntwarante 2018, par
Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018, igihe yari ahejeje kwandikisha umugambwe CNDD FDD mu murwi utegura amatora CENI kugira uzokwitabe igikorwa co kwiyamamaza mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
- Joseph NTAKARUTIMANA yakiriwe n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE
Joseph NTAKARUTIMANA yamenyesheje ko abavuga ko urwaruka rw’mbonerakure rukubagura abashaka kuzokwigisha "Oya" ari ibinyoma kuko ijambo ryo kuvuga ko imbonerakure ari inkozi z’ikibi ryatanguye mu mwaka wa 2015 himirije amatora, aho ababishikiriza barondera ibinyoma kugira ayo matora ntabe.
Ico cegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yavuze kandi ko bashima kubona ivyavuzwe kuri urwo rwaruka, ku bwiwe, ata ngaruka n’imwe vyazanye ku gihugu.
Joseph NTAKARUTIMANA yavuze ati : “Ivyo ni ibinyoma kuko urwaruka rwacu ntabwo ari inkozi zikibi n’urwaruka ruteguye neza, inkozi z’ikibi nizo zicana ntabwo ari imbonerakure zicana.”



Vianney BIKORIMANA