Imfashanyo y’ukuvuza umwana DUSENGE Chadrack agwaye Cancer ibandanya kwegeranywa

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Ruhuhuma 2018 saa 08:52
11910
0 0

Ishirahamwe ry’Abanya Kenya baba mu Burundi (AKB) rirashikiriza kuri uwu wa gatatu imfashanyo ririko riregeranya igenewe ukubaga no kuvura ingwara ya cancer umwana Dusenge Chadrack.

Ishirahamwe ry’Abanyakenya baba mu Burundi (AKB) rishikiriza iyo mfashanyo mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kiba kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma mu 2018, igihe c’isaha zitatu zo mu gatondo. Ico kiganiro kizoba ari ico gutororokanya imfashanyo ingana n’ibihumbi 17 vy’ama dollars y’abanyamerika igenewe kubaga no kuvura muri Kenya ingwara ya cancer Dusenge Chadrack, umwana w’imyaka 11, ava muri Komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke.

Mu nyuma y’aho avuriwe ubwa mbere I Nairobi muri Gitugutu 2017, uwo mwana ubu akeneye kubagwa ingwara ya Cancer yo mu bwoko bwa non-Hodgkin Lymphoma, ifatira mu bice vy’amaraso, globules blancs, mu bitaro Kenyata National Hospital (KNH) mu gihugu ca Kenya.

Abaganga bari basavye ko ibagwa ryiwe ryoba mu gihe c’isekeza ry’ubuvuzi ryariko rirabera i Malindi ryari ryategekanijwe n’ibitaro KNH bifadikanije n’abahinga mu vyo kubaga bava muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

N’aho ibipimo vyanyuma vyakozwe i Malindi, vyasanze Chadrack afise cancer non-Hodgkin Lymphoma ku rugero rukaze cane, harimwo n’uko ibagwa ry’ico kivyimba kinini kirimwo cancer rishobora kutagenda neza. Abaganga basavye ko yotangura gutegwa imiti mu buryo bwa chimiothérapie imbere y’uko abagwa, kugira ngo bagabanye ikwiragira mu mubiri ry’ingwara ya cancer.

JPEG - 7.6 ko
Umwana DUSENGE Chadrack avuka mu ntara ya Cibitoke

Isekeza rya mbere ryo gutororokanya uburyo ryatunganijwe n’abanya Kenya baba mu Burundi, ryarafashije kwegeranya amafaranga angana 1.600 vy’amadollars y’abanyamerika, mu kiringo c’indwi imwe. Ubwo buryo bwarafashije Dusenge Chadrack hamwe n’umugwaza wiwe gushika muri Kenya kuva kw’igenekerezo ry’9 Gitugutu mu 2017 kugira ngo yivuze.

Kuva kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo mu 2017 gushika hagati muri Nzero mu 2018, Dusenge Chadrack yaravuwe mu buryo bwa chimiothérapie, kandi inyishu y’iryo vugwa itera intege. Ibipimo vya nyuma vy’ubuvuzi vyarekana ko ibindi bihimba vy’umubiri bitatandukiriwe.

Muri kino gihe, uyo mwana ariko arategwa imiti mu buryo bwa chimiothérapie mu kiringo ca rimwe ku ndwi zitatu, kandi iryo vugwa rizomara imyaka ibiri. Indinganizo z’abaganga zarakozwe mu bijanye no gufata ingingo y’ukumubaga no kumuha umubangabanga w’umuterano.

Uburyo bw’ ibihumbi 17 vy’amadollars buriko buratororokanywa n’ishirahamwe ry’Aba nya Kenya baba mu Burundi (AKB) buzofasha umwana Dusenge Chadrack gushishikara kuvugwa, ukuriha ibitaro kuva muri Munyonyo mu 2017 gushika ubu, ugutegwa imiti mu buryo bwa chimiothérapie rimwe mu ndwi zitatu, uburaro hamwe n’ivya nkenegwa vyo mu mezi ari imbere, ukubagwa hamwe no kuriha ingendo z’umugwaza wiwe hagati y’Uburundi na Kenya co kimwe n’ibindi vya nkenegwa bishobora kwibonekeza.

Dusenge Chadrack yafashijwe kuko, nk’uko umukuru w’ishirahamwe AKB Bernard TEIGUTWO abivuga “bafise iciyemezo co gushikira abakeneye gufashwa mu Barundi babakiriye, mu buryo bwiza bwose bashoboye.”

Ibijanye n’ingwara ya Dusenge Chadrack, yashikiriye ishirahamwe AKB ku bwa Jane WANJA KAMAU, umukenyezi w’umushikirizabutumwa ava mu gihugu ca Kenya, mu nyuma y’aho aboneye ku rubuga gwa Facebook akamo ko gusaba imfashanyo y’uyo mwana kari katewe n’umupasitori mugenziwe wo muri Komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, mu nyuma y’ikiringo c’amezi atatu yari yarahamaze ahakorera.

Iryo shirahamwe ry’aba nya Kenya baba mu Burundi ryashinzwe kuva mu 2008, rifashijwe rikongera rigahagararigwa n’ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi. Ni nk’ihuriro rihuza abanya Kenya, ababa hamwe n’abakorera mu Burundi mu mugambi wo kubashigikira mu vy’imibano, ubutunzi n’ivy’umutima, uguhimiriza ubumwe hamwe no gufatana mu nda hagati yabo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha