Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiryango 157 y’abarundi yahora mw’ikambi y’impunzi i Nduta yahungutse
Imiryango 157 y’abarundi yahora mw’ikambi y’impunzi i Nduta yahungutse
mercredi 1er novembre 2017
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko bose hamwe ari abarundi 599 bava mu ntara za Cankuzo na Ruyigi, bagizwe n’abagabo 268 hamwe n’abakenyezi 291 n’abana.
Ibigo bine, ic’i Gitara mu ntara ya Makamba, ic’i Songore mu ntara ya Muyinga n’ibigo vya Nyabitare na Ruyigi vyo mu ntara ya Ruyigi nivyo vyateguwe kugira vyakire abahunguka bava mu gihugu ca Tanzaniya.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesheje ko igikorwa c’ugutahukana impunzi z’Abarundi kizobandanya gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abarenga ibihumbi 12 bakaba aribo bitezwe.

MUGISHA Van Naris