Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiryango 840 yo mu Giheta yaronkejwe imfashanyo y’umuceri
Imiryango 840 yo mu Giheta yaronkejwe imfashanyo y’umuceri
jeudi 30 Ntwarante 2017, par
Imiryango 840 yo mu ntara ya Gitega muri komine Giheta niyo yaronkejwe kuri uwu wa gatatu imfashanyo igizwe n’amatoni 20 y’umuceri. Iyo miryango yahawe imfashanyo ni iyibangamiwe n’inzara yibonekeza mu Burundi.
Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Martin NIVYABANDI niwe yashikirije abanyagihugu iyo mfashanyo, akaba yari kumwe n’intumwa y’uwuserukira Ubushinwa mu Burundi, igihugu catanze iyo mfashanyo y’umuceri iriko ikwiragizwa mu gihugu.

Abanyagihugu baronkejwe iyo mfashanyo barashimye, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu nawe akaba yabasavye ko boja hamwe mu mashirahamwe kugira barwanye inzara.
Martin NIVYABANDI yaboneyeho akaryo ko kubeshuza amakuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko uwo mucero woba ari mubi ku magara y’abantu.
Kuri iyo mfashanyo yahawe abanyagihugu bo ku misozi 31 yo muri komine Giheta, umuryango umwe wose waronkejwe ibiro 25 vy’umuceri.
IGIHE
Messages
31 Ntwarante 2017, 01:35, par vyumugayo
Muraraba neza nanje numvise ngo nuwobihingurira .mumabido yaheze.
31 Ntwarante 2017, 06:32, par Wakera
Aba DD barateye isoni!!! Barashobora gusaba imfashanyo ya Buruguri ivuye mu bushinwa bananiwe no kurwanya inzara kubantu batarenga imiriyoni cumi n’imwe kandi ubushinwa bufise abanyagihugu barenga imiriyaridi 5! Nibara kumutemere!!! Kandi aho iyo buruguri yahawe imbonerakure gusa kubera amabi zikora aho mu Giheta! Nama ndazibona aho ku Kirato (Giheta) kanyanga yazisazije umenga zariye amavubi nicogituma bazizaniye Buruguri kuko inda zazo zama zisonje kandi ntizihaga!
31 Ntwarante 2017, 23:06, par Cobla Rouge
Wakera Sha Nawe Ahuri Turaziko Uremvye Nikigoyi Nuko Wabuze Ahuca Nguwuronke. Ariko Wihangane Numuryango Wawe Ishavu Ryimbwa Riherera Mukuzungagiza Umurizo.
31 Ntwarante 2017, 23:31, par JO TOUS
Uwomuceriwomuwashashi!Muragae!Nuwujekutumara!Ntimpubijan’ahomperereye.Vyotuma Nuwondandazawocudiba.Oyantawotwabasanye.
5 Ndamukiza 2017, 05:46, par Nowera Nimbona
Ukwo nukubica kabiri, umuceri sirya yokurya udahawe icokuwukoza!,icakabiri iyo miceri yomubashimwe irateye amakenga, kuko niwabo bayihebeye inkoko, iyindi bakajakiyita kwiyarara, mfise umugenzi wumushinwa yitwa fonke yabwiyuko ubwobuceri keshi baburungika bwataye garante.