Imiti n’imfungugwa zihinguwe vyinjira mu Burundi bigiye gusuzumwa cane

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 7 Kigarama 2017 saa 03:08
Yasomwe : 6669
0 0

Igisata kijejwe imiti, amazu adandaza imiti, hamwe n’amahinguriro y’imiti n’imfungugwa (ABREMA) kiramenyesha ko kigiye kugenzura ku rugero rukwiye imiti yinjira mu gihugu, n’imfungugwa zihinguwe mu ntumbero yo gukingira amagara y’abantu. Ivyo vyashikirijwe mu nama yo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 7 Kigarama, yahuje abaserukira ABREMA, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, inama nshingamaka, hamwe n’abaserukira ibiro vy’umukuru w’igihugu bijejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Iyo nama yari iyo kwigira hamwe uko igisata kijejwe kugenzura imiti n’ibifungugwa bihinguwe kigiye gukora.

Nk’uko Emmanuel BAMENYEKANYE atwara igisata ABREMA abimenyesha, imiti yinjira mu gihugu myinshi yinjira idakwije amategeko, ugasanga harimwo n’iyakuwe kw’isoko mpuzamakungu y’imiti.

Emmanuel BAMENYEKANYE avuga ko intumbero y’igisata atwara ari iyo kugenzura bikwiye ukwo imiti n’ibifungugwa bihinguwe bidandazwa mu gihugu.

«Twifuza ko abanyagihugu bakoresha imiti imeze neza, bafungure n’infungugwa zitabagirira ingaruka mbi.»

Arongera akavuga ati : « Uburundi bugiye kuja ku rugero rumwe n’ibindi bihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko mu bijanye n’ugukinga amagara y’abantu biciye mu gusuzuma imiti ikoreshwa mu gihugu »

Emmanuel BAMENYEKANYE yashikirije ko ikigega ca Reta kizohora cunguka amafaranga agera ku muriyaridi w’amarundi ku mwaka avuye mu bikogwa vy’igisata ABREMA.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha