Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’Abarundi z’i Kamanyola zishobora kwimurirwa mu kindi (...)
Impunzi z’Abarundi z’i Kamanyola zishobora kwimurirwa mu kindi kibanza
lundi 25 Nyakanga 2017, par
Kuva habereye ubwo bwicanyi i Kamanyola muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, izo mpunzi zabandanije gusaba ko umutekano wazo wokwubahirizwa, kuko bikeka ko bashobora kugirirwa nabi n’abajejwe umutekano batariko barabana ryiza. Gabriel KALONDA, icegera ca Buramatari wa Kivu y’amaja epfo amenyesha ko ikibazo cari gihari kiriko kiratorerwa inyishu. Ico naco ni ikijanye n’iyandikwa ry’izo mpunzi.
Nk’uko abajejwe intwaro muri ico gihugu babimenyesha, benshi muri izo mpunzi ni abayoboke b’umwigeme Zebiya NGENDAKUMANA yahunze Uburundi inyuma y’aho avugiye ko yabonekewe na Bikira Mariya, ariko abarongoye Ekereziya Gatorika mu Burundi ntibavyemeza. Inyuma y’imishamirano yahitanye abayoboke bagera kw’icenda, bamwe muribo baciye bahungira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ariko bakaba gushika ubu batarandikwa nk’impunzi kuko kubw’ukwemera kwabo, batemera uburyo ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryandika imupunzi mu buhinga bwa none (Identification biométrique).
Gabriel KALONDA, icegera ca Buramatari wa Kivu y’amaja epfo avuga ko inyishu yoba yatowe ari uy’uko izo mpunzi zokwandikwa mu buryo busanzwe ku mpapuro (Identification manuelle).
Inyuma y’iryo yandikwa mu buryo butahora bukoreshwa na HCR, Gabriel KALONDA, icegera ca Buramatari wa Kivu y’amaja epfo avuga ko abo barundi bashobora guca bimurirwa mw’ikambi y’impunzi y’aho bita i Fizi, amatohoza ku bwicanyi bwabaye i Kamanyola akaba abandanya nk’uko vyemezwa na Gabriel KALONDA, icegera ca Buramatari wa Kivu y’amaja epfo.
Egide NDUWIMANA