Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka icenda iraheze abagandaguye Ernest MANIRUMVA bataramenyekana
Imyaka icenda iraheze abagandaguye Ernest MANIRUMVA bataramenyekana
lundi 9 Ndamukiza 2018, par
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ashikiriza ko ishirahamwe arongoye rizobandanya kurondera kumenya abishe Ernest MANIRUMVA, n’igituma yagandaguwe.
"Kuva kuri uwo munsi gushika ubu turacasaba ko ubutungane bwokoresha ivyegeranyo bibiri vyakozwe n’umurwi washizweho na Reta, hamwe n’umurwi w’abajejwe amatohoza muri FBI basabwe n’inzego z’igihugu, ariko guheza ubu ibiri muri ivyo vyegeranyo ntibirakoreshwa."
Kimwe muri ivyo vyegeranyo, icakozwe n’abahinga barungitswe n’urwego rujejwe amatohoza muri Amerika FBI (Federal Bureau of Investigation) casaba ko abategetsi bagera kuri 11 bakorwako ibipimo (ADN) kugira abo bahinga babigereranye n’ibipimo bakuye ku modoka ya Ernest Manirumva.
Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko biboneka ko atagushaka gukwiye guhari, kw’ukumenya abagandaguye Ernest MANIRUMVA, hamwe n’ukumenya igituma yishwe. Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko bikwiye ko Reta y’Uburundi ishiraho itegeko ridasanzwe rivuga ibijanye n’ugukingira abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.
Nk’uko bivugwa na Gabriel RUFYIRI, iryo tegeko ryoshirwaho kuko abaharanira agateka ka zina muntu bafise uruhara rukomeye mu gukomeza intwaro rusangi hamwe n’intwaro ibereye.
Ernest Manirumva yagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 Ndamukiza 2009, rishira iryo kuwa 9 Ndamukiza 2009. Ikiziga ciwe catowe ku rugo iwe ku Mutanga, mu gisagara ca Bujumbura.

Imbere y’uko agandagurwa, Ernest Manirumva yariko akora amatohoza ku nkoho zagurwa ariko ntizishike mu gihugu. Izo nkoho zaburirwa irengero zagurwa n’ubushikiranganji bw’umutekano, nk’uko vyemezwa n’ishirahamwe OLUCOME.
Egide NDUWIMANA
Messages
21 Ndamukiza 2018, 12:09, par didier Ndikumana
Mbega abishe President Ndadaye bobo boba baramenyekanye ko ariwe yishwe kera imbere ya Manirunva?