Imyidogo y’abarimyi yagabanutse ku kibazo c’imvura hamwe n’ifumbire y’ikizungu

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 6 Ntwarante 2018 saa 11:58
6225
0 0

Abarimyi bagize intara nka zose z’igihugu, ntibacidoga ku cerekeye ugukena kw’imvura, kuko yaraye itasuye nka hose mu gihugu c’Uburundi, ni nkuko batanacidogera Reta ku kibazo c’ikena ry’umwavu w’ikizungu.

Amakuru dukura mu gihugu hagati, n’uko imvura yaraye iguye mw’ijoro ryo kuwa 5 rishira uwa 6 Ntwarante 2018 ku rugero rushimishije nka hose mu mu ntara zigize igihugu.

Mu ntara ya Muramvya, Harimungu Raymond, umurimyi waho avuga ati : "Imvura twahora dukeneye mu burimyi bwacu yaraye ibonetse, twahora turonka akavura gake gake, kandi kadashemeye. Ubu imirima yacu igiye kumererwa neza."

Ku kibazo c’ikena ry’umwavu naho, uwo munyagihugu yavuze ati : "Twaridoze cane kuko twari twihebuye ko tutazoronka umwavu, ariko kugeza ubu turashimira Reta ku gikorwa ciza yakoze ikaturonsa umwavu. Kugeza ubu, nta murimyi n’umwe atishimira ukwo kuronswa umwavu w’ikizungu."

Mu ntara ya Bujumbura, naho nyene imvura yaraye iguye ku rugero rushimishije. Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara, Daniel MAZARAHISHA, ahamagarira abarimyi gutera ibiharage, ibiterwa vyo mu mwonga hatibagiwe ibiterwa mbumbarugo nk’ibijumbu hamwe n’amateke.

Ku cerekeye umwavu, umuyobozi Daniel MAZARAHISHA amenyesha ko itoni z’umwavu 760,25 zari zikenewe mu karere agendura, ko ibice 70 kw’ijana vyashitse mu ntara, kandi ko uwo mwavu uriko uratangwa. Amenyesha ko aho umwavu utaratangwa ugiye kuhashika vuba.

Imvura canke umwavu bibonetse mu gihe abarundi, na cane cane abarimyi, arivyo bama bahanze amaso, kuko mu gihe ivyo bibuze, inzara itera mu barundi mu gihe tuzi ko hafi ibice birenga 90 kw’ijana vy’abarundi bibeshejweho n’uburimyi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha