IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ONU yabereye ku buserukizi bw’ubumwe bwa (...)

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ONU yabereye ku buserukizi bw’ubumwe bwa Buraya

lundi 3 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera ku majana atatu bagize imyiyerekano imbere y’ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, i Bujumbura, barongowe na Jean Luc NDIKUMWENAYO, asanzwe ariwe yatanguje haraheze indwi, imyiyerekano y’ukwiyamiriza icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu.

Jean Luc NDIKUMWENAYO yateguye iyo myiyerekano yamenyesheje ko ari urukurikirane rw’ukwerekana akababaro afise kubera icegeranyo casohowe na ONU, mbere hakaba haheruka gufatwa ingingo y’uko horungikwa umurwi wa ONU ukora amatohoza ku bugizi bwa nabi mu Burundi.

Uwo Jean Luc NDIKUMWENAYO avuga ko ari uwo mu bwoko bw’abatutsi, akamenyesha ko icegeranyo casohowe na ONU ari irementanya rya poritike ryateguwe n’abanyeporitike b’ibinyoma. Amenyesha ko kuri uwu wa mbere naho bari baje kwiyamiriza ingingo ya ONU y’ukurungika umurwi w’amatohoza mu Burundi. Abari mu myiyerekano bashikirije ko bafise amakenga ko abazokora ayo matohoza bazokorera ku binyoma.

Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yemeje kuri uwu wa gatanu ingingo ishiraho umurwi w’amatohoza ku Burundi. Uwo murwi ufise ikiringo c’umwaka umwe kugira uzobe washize ahabona icegeranyo c’ivyo washitseko, mu kwerekana abakora ubugizi bwa nabi mu Burundi, hamwe n’ugushikiriza ivyokorwa kugira abazoba bagirijwe babibazwe.

Iyo ngingo (Résolution) ya ONU yari yashikirijwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya yemejwe n’ibihugu 19, ibihugu indwi birayanka, nayo ibihugu bigera kuri 21 birwiriyemwo ivyo muri Afrika, bishima kutagira ico biyivuzeko.

Mu kiringo c’umwaka wahawe, uwo murwi mpuzamakungu w’amatohoza uzoshikiriza icegeranyo mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, werekane abaigirizwa amabi n’ubugizi bwa nabi bukorwa mu Burundi, wongere ushikirize ivyokorwa kugira abavyagirizwa babibazwe.


IGIHE

Messages

  • IVYO VYO MURAVYIYAMIRIZA KO MUTOBANZA MUKIYAMIRIZA IVYO RETA Y,UBURUNDI IRIKO IRAGIRIRA ABANA BIGIHU ! MUGUFATA UMWANA YIGA MUW,ICENDA 9 NOMU W,ICUMI 10 IKABATA MW,IBARABARA MWUMVA IVYI ARIVYO BIBEREYE? MURAHUMBA NTAMVURA IDAHITA NAYO IZOMBURAKIMAZI ZABATWARE HAZOGERA IGIHE ZICUZA IVYO ZIRIRWA ZIRAKO KUGIRA ZICINYIZE BANYARUCARI BATAGIRA UWUBASERUKIRA!

  • imburakimazi ziraho zibura gukora zikirirwa inyuma yabababesha uwo Jean-Luc numu neveu wumusoda bita paysan yirigwa aragurisha bene wabo bo mugisoda barondera ico barya niko bapfuye nayo ivyokuvuga ko avugira ubwoko naje hiyo ntabo avugira.

  • Uwomuhimbiri wigipfamutima ngo numututse, aragapfa tabaye umututsi. uwonuwiyambitse ikoti yubututsi ntabututsi arimwo, none akokagabo Ndikumwenayo ivyoyerekanye we yoba yaratohoje nivyahe? guhakana ivyatohojwe uzana nawe ivyo watohoje bihinyuza ivyabandi batohoje. noneho abarwayi bomumutwe turabamenyereye cane, umusazi yasaze neza nirazima aronke abirukinyuma yiwe.ntamututsi wukuri anakwije mumutwe yobona ingene urwaruka rwabatutsi, nabamwe mubahutu bakererwa nkimpene, ngo yu bahuke kuvuga kurya, yuko amatohoza yabaye atarayukuri ! nibareke abasazi bararwiriye.

  • Abo n’imburakimazi zitagira n’ubwenge bwo kwibeshaho, murindire bazobakorerako,abo mwibaza ko munezeza muzobabona sha, kandi tout se paie ici bas

  • JEW NIYUMVIRA KO BOHAGARIKA IMYIYEREKANO BAKAJA MUBIGANIRO BIBAHUZA

  • Bandanya Barundi mwihanikize ijo njavyi zipfuza kwiba no guteza ifuyo mu gihugu cacu, ni kubatesha abo bansumirinda na bafasha babo kugira ntihagire intambwe nimwe bagira. Uburundi nurwo Abarundi. Hanyuma Ibibazo biri hagati ya Barundi bizohezwa na Barundi bene Burundi nta munyamahanga azovyijiramwo abigirire mwo amahirwe. Abanyagihugu bose bari maso. Nabo baba banyi bari ku mipaka y’igihugu cacu ni bihenda ngo bariko bazana agafuyo bazabona ico imbwa yaboneye ku mugezi. Abarundi niba Rugamba saho gutuma umwana. Kiretse bipfuza gusubira gukubitwa nkakurya vyabagendeye mu Kayanza no mu Cibitoke.

  • ABARUNDI TUMENYE KO ABAZUNGU BAGOMBA TUBA ABAJA BABO IMANA N.UMUTABAZI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.