Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama Nshingamateka yahawe intererano n’ishirahamwe ry’amabanki akorera mu (...)
Inama Nshingamateka yahawe intererano n’ishirahamwe ry’amabanki akorera mu Burundi
vendredi 3 novembre 2017
Audace BUKURU arongoye iryo shirahamwe ry’amabanki yose mu Burundi yamenyesheje ko batanze iyo ntererano mu ntumbero yo gufasha inama nshingamteka y’Uburundi kugira izokwitabe izo nkino zama ziba mu mpera za buri mwaka, nk’uko babikoze ku mwaka uheze.
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avugira inama nshingamateka yavuze ko kwitaba izo nkino bitwara uburyo bwinshi ariko habonetse abafasha bituma abashingamateka b’Uburundi bitaba neza izo nkino.
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yashikirije ko izo nkino zifasha abashingamateka bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko guhura kugira bamenyane bongere baganire kandi bahanahane ubumenyi butandukanye bujanye n’imirimo yabo yo guserukira abanyagihugu.

Inkino zitegekanijwe n’umupira w’amaguru ku ruhande rw’abashingamateka b’abagabo hamwe n’urukino rw’amaboko Netball ku bashingamateka b’abakenyezi.
Izo nkino zitegekanijwe kuzoba mu kwezi kwa kigarama 2017, zikazobera mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Inkino zo mu mwaka uheze zari zabereye i Mombassa mu gihugu ca Kenya.
Vianney BIKORIMANA