IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama Nshingamateka yemeje abakomiseri batatu b’umurwi CVR

Inama Nshingamateka yemeje abakomiseri batatu b’umurwi CVR

mardi 19 décembre 2017

Abatowe ni abatutsi 2, Révérend NINZIZA Clément Noé,Léonce NGABO, hamwe n’umuhutu umwe Patiri PASCAL NIYONKURU.

Révérend Clément NINZIZA, imbere y’uko atogwa, yashikirije ko intererano yiwe mu murwi CVR azofadikanya n’abandi mu kwubaka imitima.Avuga ko kugira abarundi basubize hamwe bakwiye gutunganigwa mu mitima, hanyuma ukuri kuvugwe ata bwoba buri mu bantu.

JPEG - 32.7 ko
NGABO Leonce yatowe kuja mu murwi CVR

Ngabo Léonce, yatowe ku majwi 92 kubashingamateka 111, yashikirije ko bivanye n’ubumenyi asanzwe afise mu bijanye n’ukwigisha abicishije mu micokama n’amareresi, ngo intererano yiwe igiye kuba nini.Yongera akavuga ko azokora ubushakashatsi kuvya kahise kugirango ukuri ku vyabaye mu Burundi kumenyekane.

JPEG - 33.4 ko
Patiri NIYONKURU Pascal

Patiri Pascal Niyonkuru nawe ashikiriza ko agiye gukora y’itanga kugira umugwi CVR ushike kuvyo wiyemeje, akavuga ko azotanga amaboko, ubwira n’ubwenge asanganywe.

JPEG - 29.1 ko
Pasitori NINZIZA Clement Noé

Révérend NINZIZA Clement Noe yahavuye atorwa mu kibanza c’icegera c’umukuru wa CVR ku majwi 101 , akaba yasumbije Léonce NGABO yaronse amajwi 13.

Abo ba komiseri basubiriye Musenyeri Bernard Ntahoturi, Patiri Désiré Yamuremye hamwe na Kiganahe Didace.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.