Bujumbura : Inama igira umunani ya EAPCE’17 isigaje amasaha make

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 20 Rusama 2017 saa 01:46
Yasomwe : 38655
0 0

Inama igira umunani mu bijanye n’igisata c’ibitoro na peterori ihuza ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izobera mu Burundi kuva kuwa gushika kuwa 7 gushika kuwa 9 Ruheshi mu gisagara ca Bujumbura. Iyo nama iba uko imyaka ibiri iheze, rikaba ariryo rya mbere izoba ibereye mu gihugu c’Uburundi.

Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, Come MANIRAKIZA amenyesha ko amanama nk’ayo afise akamaro kanini kuko atuma abakorera muri ico gisata bahanahana ivyiyumviro kugira bateze imbere ico gisata muri ako karere ka Afrika y’ubuseruko, bakumvikana ivyokorwa ku neza y’abanyagihugu hamwe n’ibihugu.

"Ni n’akaryo abakorera muri ivyo bisata baronka kugira bamenyekanishe ivyo barangura kandi bafashe guteza imbere ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko."

Mu misi itatu iyo nama izomara, umushikiranji MANIRAKIZA avuga ko abazoyitaba bazoronka akaryo ko guhanahana ivyiyumviro ku bushakashatsi bwotuma igisata c’igitoro gitera imbere, babifashijwe n’abahinga babinonosoye.

JPEG - 52 ko
Come MANIRAKIZA, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu

Kumenyekanisha

1
Wakera 21-05-2017 à 06:18

None nk’umuntu adashobora gutora umuti w’igitoro yizigitira kubutegetsi ngo amarire iki abanyagihugu! Twamurambiwe kera abimenye neza!

2
Bukuru Daniel 20-05-2017 à 14:32

Iyo nama izobera hehe ryari kuko igitoro yabaye ndase.ndi journalist of Storm fm from Tanzania

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha