IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka isaba ko hotangwa imyidondoro y’abantu bivugwa ko (...)

Inama nkenguzamateka isaba ko hotangwa imyidondoro y’abantu bivugwa ko bishwe

jeudi 6 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yakoranye mu kiganiro kidasanzwe kuri uwu wa kane, aho bariko baganira ku cegeranyo c’abahinga ba ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Inama nkenguzamateka ivuga ko abahinga ba ONU bakoreye ku makuru bahawe n’abarwanya ubutegetsi, hamwe n’amakuru y’ibinyoma bakuye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Abakenguzamateka b’Uburundi bavuga ko ico cegeranyo kitakozwe n’abahinga bigenga, kuko batavuze ubwicanyi butandukanye bwakorewe abategetsi bo mu nzego za Reta, amagerenade yatewe mu bibanza bitandukanye, hamwe n’amakambi ya gisirikare yatewe mu kwezi kwa Kigarama 2015.

Kubwa Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, abakoze ico cegeranyo bashatse kuburizamwo ubwigenge bw’Uburundi. Uwo aramutswa inama nkenguzamateka amenyesha ko Reta y’Uburundi igiye gusaba abakoze ico cegeranyo ko bokwerekana imyidondoro y’abavugwa ko bishwe bakuwe mu minwe y’abajejwe umutekano, kugira Reta irabe namba abo bantu boba barapfuye canke bakiriho.

JPEG - 69.5 ko
Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi

Icegeranyo c’abahinga ba ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi. Ico cegeranyo kivuga ko amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016 yatumye abantu bagera ku 564 bicwa, abo bahinga bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.


IGIHE

Messages

  • Oyanibakuruburofa. Gusa baripfuza cane icoshikana indongozizacu imbere yazasentare zabo kugira babatsindishe guryo igihugu bakigabire abobashaka. Ahobabukaranga twarimusi yurusenge!!!! Ntibishoboka ntawukorako.carat juntee.........

  • Nyabenda yahakanye génocide yo mu Rwanda. Bukeye ngo bamutahuye nabi. Reverien ngo abahinga ba ONU bakoreye kuvyo bahawe na oppositio gusa. Ico yomenya abo bahinga sibijuju barashishoza ntibahuruduka. Mudakurikije ivyo basaba muziruka ibirenge bishe. Murabona ko Chine nu Burusiya mwashize imbere bitazokemura ibibazo mufise. Reka kumanupila abanywanyi banyu mwerekana ko mufise inguvu zidasanzwe hanyuma mutege amashi. None ntimukenye? Canke mwarikukiye hahahahahhhhh. Ese gusaba uwo watetse ivyo biba ahantu hamwe gusa.

  • Ico kibazo kiroroshe. Nanje imyidondoro y’abicanyi noyitanga hagize uwuyimbaza. Abarundi turazinanye. Iyo enquête ntigoye na gato.

  • Musaba Umwirondoro Kugira Mubagarukane,simwe Mwabishe Nimubaze Aho Mwabakuye Bababwira Reka Kototwa Mwebwe Ntabushobozi Mufise Bwo Guhakwanya Isi Yose Onu Muhirwe Ahubwo Niyondambi Yanyu.

  • komera benewacu mauduserukira muhangame kungoma kuko imana irakunda uburundi bwacu bukomere twubake igihugu cacu

  • komera benewacu mauduserukira muhangame kungoma kuko imana irakunda uburundi bwacu bukomere twubake igihugu cacu

  • Turashimiye inama nshingamateka e tuayishigikiye gitega vuturimitego

  • Mbese nkuwokwivira mumasezerano ashingiryasentare yirahe bogiriki koturigihugu cigenga? Eregabazungu umenga bayigizikirwanisho cogukubitamugahanga uwoba adashigikiy inyunguzabo

  • Naho Abanyeportike Bajuragiza Abarundi Nuburundi Harumusi muzobibazwa Numwami Wacuyesukirsto,

  • Erega kuba abo bahinga botanga iyo myidondoro ntaco biduhomvya ahubwo vyotanga umuco, rero nibayitange vuba kugira bigaragare hama abavyanka sinziko bakora muri iyo organisation internationale !

  • haaaaa ariko cndd-fdd ngo batange imyidondoro y’abantu bishwe reka kudukinda kumuvyimba abapfuye ntimubazi ko arimwe mubica mushaka mwice nababo amaraso yabana babarundi ntimurayahimba ?

  • Ndabashimiye mwese nkenguzamateka yu Burundi.

  • ntabwoba abobahingaba onu bodutera nibumvirize impandezose ukurikugaragare bareke guhengama bahengamiye uruhanderumwe ikibazocuburundi kizoba kibataye kuwamazi nibaguma baturererako zamujeri ntituzohagarika kuzihongora

  • Jonas, abazofatwa nabo ivyo ube urabishira muri agenda, vyanka bikunda bategerezwa gushirwa mubucamanza babazwe abantu bishe ico babahoye. Nayivyo uwo munyagatwe yi vugisha ngo ni Reveriyano Ndikuriyo,mbe kwa kwa matohoza bayakoreye ngaha muburundi,mwibaza kobafise ubwenge nkubwo bwiwanyu? niryo tohoza ryabahinga karuhariwe ni baze, ndazi yuko ukobivurwa kwariko bazobisanga. Uwo mukuru wi nkenguza mateka nawe nyene mwihonyabwoko ririko rirakorwa nawe nyene abifisemwo uruhara runini cane, mwibuke kwariwe wambere ya tanguye gutangaza kwagiye guhonya abanyagisangara ca Bujumbura, rwaronke ibibanza azohereza zambonerakure birirwa baratuma kumara abobadasangiye ubwoko, Ariko arye aharura.

  • Iyo nta murongo wa Politique uhari uku niko bitegerezwa kugenda,conseil des ministres,Parleiment bose bafise ubwoba ku cegeranyo ONU yasohoye,mugume hamwe mukubitwe intahe mugahanga, akar’inyuma karahinda

  • Ni mukomere kw’ijambo ntimutegekwe n’abanyamahanga.Turi inyuma yanyu100%

  • None Uburundi Nico Gihugu Cambere Kwisi Yose Kitubahiriza Agateka Kazina MUntu Kurusha Ibindi Bihugu Vyose Biri Kwisi, Konumva Amakungu Namashirahamwe Mpuzamakungu Bavuga Uburundi Gusa???? Haaaaa Imana Nifashe Uburundi!!!!

  • abantu bandika ibintu vyogutukana usanga bariko baracurira ababuze. ahubwo bipfuzo ko. abarundi bomarana ngo babe baritwengera bipfuza ihonyabwoko bibereye hanze imana irakunda uburundi. n.abarundi bishinga kubesha nimba bashaka intambara abarundi bararambiwe bobo barasubiranemwo bareke abarundi

  • Banse guhunguka ngo bazotaha bategek’Uburundi? Amwnyo aragusek’ar’ayawe kabisa!

  • Morodekayi oyanukuri de kaki teneur guéri twese turabarundi ntanyagupfa nanyagukira.imbonera Kure sabahutu gusa nibeshi mubatutsi none bokwiyica? Rekakuvugihonyabwoko jewe ndimuburundi mbwira commune ririko riraberamwo. Uwomutavugarumwe ntabarumwasi rekagutukabantu turabarundi.ntakuganza kutavakumana bazohava hageze nababahaye ukwezi kumwe mbona bagitunyiburaya. Tubitegamaso mwenewacu imanizovyikorera.

  • Ntawovuga ko abo bantu bari aba hinga ahubwo bari abafyitirizi

  • IMANA Ibabarire Abarundi bavuganabi igihugu cabo muri ONU kubwinyungu zabo nabiwabo,bakanagicafuza,ibiazo biri mugihugu biva kuri babandi nyene bacibazako igihugu aricabo gusa bakibagirako aricabarundi twese,rero ndizerako Leta izokoribishoboka bikagenda neza,kandi kubona Uburundi bukiriho uyumusi nuko hariho ababukunda bakanabwitangira ntibagiye ya MANA YEHOVA yabuduhaye,ndasaba Leta ikomeze guhagarara nyene ihagararire Uburundi amasaha 24/24 abangushi nabo bateshwe bate.

  • Ewe JONAS ndakubwizukuri ntamututsi ryamututsi ari mumbonerakure, wobesha uwutari muburundi, mukwezi kwicenda nagiye igtega uwatanguye kumbaza ibindanga zabaye imbonerakure nayurumogi rwagera mumutwe ahosazwe mbaye hano mugisagara abakinda bagaramye mukwica nimbonerakure hamwe nigi porisi.tariki 9,10,2016 nari mukayanza ni ngozi imbonerakure nizo zabica bigacika.Ejo nari muruyigi narose inkuru kwimbonerakure zirirwa zirigishwa kurasa ibirwanisho none ntibavyigishwa kugira bazomare abobadasagiye ubwoko ?.Jonas iyo bumenya umwe bwarikindi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.