Inama nkenguzamateka yasozeye ibikorwa vy’isasa rya gitugutu

Yanditswe na Bikorimana Vianney
Kuya 29 December 2017 saa 12:33
7005
0 0

Inama nkenguzamateka yasozeye kuruno wa gatanu igenekerezo rya 29 kigarama 2017,ibikorwa vy’isasa risanzwe rya gitugutu ari naryo rya nyuma ritegekanijwe mu mwaka .

Mu kiringo c’amezi atatu aheze,inama nkenguzamateka yarashoboye kwiga yongera iremeza integuro z’amabwirizwa 11 mu mabwirizwa 19 reta yari yarungikiye inama nkenguzamateka.

Murico gikorwa umukuru w’inama nkenguzamateka yamenyesheje yuko mu mezi 3 arangiye ko baranguye ibikorwa bitari bike nk’ibijanye n’amazina yemejwe y’abazorongora inzego z’ubutungane, ibikorwa vy’iterambere rusangi bakoranye n’abanyagihugu,guhimiriza abanyagihugu gutera ibiti ,gutanga imfashanyo ku banyagihugu bahuye n’ivyago ry’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’inama bitavye mu gihugu ca Koreya y’epfo mu ntumbero yo kurahura ubwenge kubijanye no kwiteza imbere.

Kubijanye n’imigenderanire y’inama nkenguzamateka n’amashirahamwe mpuzamakungu ,Reverien NDIKURIYO yashikirije ko bakiriye intumwa z’ishirahamwe ry’amanama nshingamateka na nkenguzamateka bakoresha ururimi rw’igifaransa.

Umukuru w’inama nkenguzamateka mu kurangiza ibikorwa vyo gusozera isasa rya gitugutu yateye akamo abantu bose babishoboye gutanga intererano yabo y’amatora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha