Inama nkenguzametaka yemeje integuro y’itegeko risubiramwo itegeko mpanavyaha

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 10 Munyonyo 2017 saa 04:54
Yasomwe : 6408
0 0

Inama nkezumateka yize yongera iremeza integuro y’itegeko isubiramwo itegeko mpanavyaha rizofasha kugira ivyaha bimwe bimwe bitari vyanditswe mu mategeko mpanavyaha bishobore guhanwa ku muntu azoba akoze ivyo vyaha.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimé Laurentine Kanyana niwe yagiye kuri uwu wa gatanu gusigurira abakenguzamateka imvo n’imvano y’iyo mpinyanyuro y’iryo tegeko mpanavyaha, yavuze ko iyo nteguro izofasha kuduza ibihano vy’ivyaha bimwe bimwe biboneka ko vyimonogoje, gutopomora neza ivyaha bijanye no kugurisha abantu, gukosora utunenge turi mw’itegeko rijanye no kugwanya igiturire.

Aimé Laurentine Kanyana yashikirije kandi ko iryo tegeko rizofasha kugira abasinzikaza ubuzima bw’ibitungwa bashobore guhanwa n’amategeko, guhana abanywa hamwe n’abakora inzoga zitemewe n’amategeko, guhana abiba ibiterwa mu mirima, guhana abasegerereza mu mabarabara, guhana abatunga ibigwanisho bito bito hamwe n’uko abahinga bazotegerezwa kurahira imbere ya sentare imbere y’uko bakora ivyo biyemeje.

Umukenguzameteka yatowe mu ntara ya Ruyigi, Bede NDINZEMENSHI yasavye ko hotegurwa integuro y’icaha gihana abarozi hamwe no kugarukana icaha c’urupfu kuko hacibonekeza abantu bica abantu, hama bakaza gufungwa, nk’uko umengo nta kintu bakoze.

Umushikiranganji Aimé Laurentine Kanyana yagize ati : “Igihano co gupfa n’ico kwitondera kuko hariho uwushobora kwica umuntu bitumwe n’uko agwaye mu mutwe. Igihambaye n’ukwigisha abantu kwigenza neza kandi igihano co gupfa twaragikuye ntitwoza dusubira inyuma”.

JPEG - 162.7 ko
Aimée Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane

Ku bijanye n’ugutegura icaha gihana abagirizwa uburozi, uwo mushikiranganji w’ubutungane yagize ati : “Igihambaye n’ukwigisha abantu uko twiyumvira no gukura mu mutwe ivyiyumviro vy’uburozi, ariko icofasha kurusha murivyo n’uko umuntu yozana ivyemeza vy’ukuri ko yatewe ubwoba n’umuntu ko azororwa kugira ahanwe kuko bifata nko gutera ubwoba umuntu”.

Inyuma yo kwihweza no gutosora utunenge turi muri iyo nteguro y’iryo tegeko, ryaciye ryemezwa ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 33 bari bitavye hamwe n’abakenguzametaka 5 bari batumye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha