Itunganwa rishasha y’ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 18 Ndamukiza 2018 saa 03:01
16860
0 0

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018, irongowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Muvyo iyo nama nshikiranganji iriko iriga, hakaba harimwo itunganwa rishasha y’ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Mu bindi iyo inama nshikiranganji iriko iriga kandi, harimwo ibijanye n’urwandiko rwekana uruhara rw’amakomine mw’itunganwa ry’itunga kama, integuro y’amasezerano y’ugufashanya hagati ya Reta ya Misiri hamwe n’igihugu c’Uburundi, hamwe n’integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga urwego "ANACOPE" rujejwe kugenzura n’ugukurikirana amashirahamwe n’amakoperative.

Ivyavuye muri iyo nama nshikiranganji tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha