IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka igiye kwiga amategeko iyajanisha n’ibwirizwa nshingiro (...)

Inama nshingamateka igiye kwiga amategeko iyajanisha n’ibwirizwa nshingiro rishasha

lundi 4 juin 2018

Mw’ijambo yashikirije, Pascal NYABENDA, arongoye inama nshingamateka y’Uburundi, yavuze ko mu bikorwa vy’ukwezi kwa Ruheshi, abashingamateka bazokwiga bakongera bakemeza integuro y’itegeko igenga amafaranga Reta izokoreshwa hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Pascal NYABENDA yamenyesheje ko, bishitse umukuru w’igihugu agashira umukono kw’ibirizwa nshingiro rishasha mu kwezi kwa Ruheshi, mu kwezi Mukakaro abashingamateka bazoca basubira mu karuhuko.

Umukuru w’Inama nshingamateka yavuze ariko ko, naho boba bari mu karuhuko, umukuru w’igihugu ashobora kubatumako mu buryo budasanzwe kugira bige kandi bemeze amategeko, mu ntumbero yo kuyajanisha n’ibwirizwa nshingiro rishasha.

Pascal NYABENDA arongoye inama nshingamateka yaboneyeho akaryo ko gukeza Reta y’Uburundi kuba yateguye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ata mfashanyo ivuye hanze isavye, yashimiye kandi umurwi CENI n’abajejwe umutekano ku bikorwa bakoze mu gihe c’amatora.

Umukuru w’inama nshingamateka yahamagariye abashikiranganji gukora nk’uko bama babikora, mu kwitaba inama nshingamateka iyo ibasavye kuza gutanga umuco ku nteguro z’amategeko ziba zivuye mu bushikiranganji barongoye.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.