Inama nshingamateka y’Uburundi irashigikiye ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 5 juin 2017 saa 01:23
Yasomwe : 27144
0 0

Inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka z’Uburundi zatanguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 Ruheshi 2017 ibikorwa vy’ikiringo kigira kabiri c’umwaka w’2017. Ingingo zigera kuri 16 nizo zizokwigwa muri ico kiringo.

Mw’ijambo yashikirije mw’iyugururwa ry’ivyo bikorwa, Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje ko inama nshingamateka ishigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, kugira rijane n’ivyipfuzo vy’Abarundi.

Pascal NYABENDA yashimiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka kugena abagize umurwi woshikiriza ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro. Yasavye abagize uwo murwi ko bokorera ku vyasabwe n’Abarundi.

JPEG - 45.3 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Umurwi ujejwe kwerekana ingingo zohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ugizwe n’abantu 15 bafise ikiringo c’amezi atandatu yo gukora, ayo mezi agashobora kwongerwako amezi abiri, ariko mu gihe babisavye indwi imwe gusa imbere y’uko ikiringo c’amezi atandatu bafise gihera.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha