Inama nshingamateka yarihiye amafaranga abarwayi batishoboye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 2 mars 2018 saa 03:22
8265
0 0

Inama nshingamateka y’Uburundi ibicishije ku mukuru wayo umushingamateka Pascal NYABENDA, yatanze infashanyo y’amafaranga imiriyoni zitandatu, ku barwayi bahora barwariye mu bitaro Prince Regent Charles na Roi Khaled, ariko bari barabuze amafaranga yo kwishura.

Iyo nfashanyo yahawe abarwayi 38 bamwe bahora barwariye mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge, hamwe n’abandi bahora barwariye mu bitaro Prince Regent Charles, muri zone ya Buyenzi, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha igisata co kumenyesha amakuru mu nama nshingamateka, amenyesha ko umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yatanguye gutanga imiriyoni zitatu mu bitaro Price Regent Charles,aca atanga n’ibitenge ku bakenyezi biboneka ko babikeneye.

Muri uwo mwanya, icegera ca mbere c’umukuru w’iana nshingamateka Agathon RWASA ari kumwe n’icegera ca kabiri Jocky Chantal NKURUNZIZA, bari mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled, aho batanze imiriyoni zitatu z’amarundi n’ibitenge kuri bantaho nikora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha