IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’ukurwanya intambara zikomoka ku madini iriko itegurwa n’umuhuza (...)

Inama y’ukurwanya intambara zikomoka ku madini iriko itegurwa n’umuhuza w’Abarundi

lundi 19 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama mpuzamakungu y’abaserukira amadini hamwe n’abahuza bo mu bihugu bitandukanye iriko irategurwa n’umuhuza w’Abarundi Mohamed RUKARA.

Muri iyo nama, abazoyitaba bazorabira hamwe uruhara rw’abahuza hamwe n’abarongoye amadini, mu bijanye n’ukurwanya intambara zikomoka ku kutavuga rumwe mu madini, intambara zikomoka ku butandukane bw’urukoba hamwe n’ubundi bukozi bw’ikibi butandukanye.

Mu ntumbero y’ukubandanya imyiteguro y’iyo nama, umuhuza w’Abarundi Mohamed RUKARA yakiriye kuri uwu wa mbere abaserukira amashirahamwe atandukanye.

Inyuma y’uwo mubonano, Juma RUKUMBI, umuvugizi w’umuhuza w’Abarundi yamenyesheje ko abaserukira amashirahamwe yari yatumiwe bavuganye n’umuhuza ko bazofata ingingo z’ukurwanya intambara zifatiye ku madini.

Abo baserukira ayo mashirahamwe bakaba bamenyesheje ko bashimye ico ciyumviro c’umuhuza c’ugutunganya iyo nama izoba igamije gutsimbataza amahoro n’umutekano mu karere Uburundi buherereyemwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.