Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama y’umutekano ya ONU ku kibazo c’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’umutekano ya ONU ku kibazo c’Uburundi

Inama y’umutekano ya ONU ku kibazo c’Uburundi

mercredi 26 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo nama y’iminsi ibiri ibera i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abagize inama nkuru y’umutekano wa ONU barabira hamwe aho ikibazo c’Uburundi kigeze, hakaba hatumiwe Benjamin William MKAPA asanzwe ari umwunganizi w’umuhuza mu matati y’Abarundi, Yoweri Kaguta MUSEVENI umukuru w’igihugu ca Uganda. Hatumiwe kandi Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.

Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU bavuga ko bizeye ko abagize inama nkuru y’umutekano ya ONU baza kugaruka kw’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, hamwe n’ugutora umuti w’ibibazo vyatewe n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Bimwe muri ivyo bibazo, nk’uko bishikirizwa na Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ni ubwicanyi bubandanya kwibonekeza, ibirwanisho biri mu banyagihugu hamwe n’icuka ca poritike kitari ciza.

Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ariko ko afise icizere ku biza kuva muri iyo nama, agasaba ONU ko yofasha mu gutora umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

JPEG - 174.4 ko
Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Mu mugambwe UPRONA bavuga ko biteze ko muri iyo nama abatumiwe aribo Benjamin MKAPA na Michel KAFANDO baza gushikirizwa ukuri kw’ingene ikibazo c’Uburundi cifashe, ata guhengama. Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA agasaba abo batumiwe ko boshikiriza ivyo babwiwe n’impande zitandukanye, mu ngendo bagize mu Burundi.

Abel GASHATSI ashikiriza kandi ko muri UPRONA bizeye ko iyo nama y’umutekano ya ONU iza gufasha gushikiriza ivyokorwa kugira abahunze Uburundi batahuke kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020.

JPEG - 55 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Imana Ibavugiremwo kugira icuka ciza kigaruke kuko abarundi turarushe cane. Turashaka ko umuntu wese yo kubahirizwa muvyiyumviro vyiwe tukubaka igihugu cacu. Nibicare bareke kuraba inyungu zabo gusa ariko barabe inyungu za bose atawuvuyemwo niho twoshika kumahoro arama.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.