Inama ya COMESA yobereye mu Burundi mu kwezi kwa kane ishobora kuba ku rindi sango

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 février 2018 saa 09:40
10905
0 0

Inama ihuza ibihugu bihurikiye mw’isoko rusangi rihuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’iyo ubumanuko COMESA yari itegekanijwe kubera mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 19 Ndamukiza 2018 ntikibaye. Ambassadeur Zephrin MANIRATANGA arongoye umurwi utegura iyo nama, amenyesha ko iyo nama itahebwe, ariko izoba ku rindi sango kuko ihuriranye n’iyindi.

Abicishije ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, Ambassadeur Zephrin MANIRATANGA arongoye umurwi utegura iyo nama ya COMESA, yavuze ko igituma iyo nama itakibaye mu kwezi kwa kane 2018, ari uko ibihugu birenga 9 biri mw’ishirahamwe COMESA, bisanzwe biri no mw’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza Common Wealth, ivyo navyo bikaba bizokwitaba iyindi nama ibihuza izobera mu gihugu c’Ubwongereza.

Ambassadeur Zephrin MANIRATANGA yamenyesheje ko ivyo bihugu vyasavye ko hoba ibiganiro kugira barondere irindi sango ryohurizwako na bose ryoberako inama ya COMESA, kuko iya Common Wealth izobera mu gihugu c’Ubwongereza yegeranye cane n’iya COMESA.

Umukuru w’umurwi utegura inama ya COMESA avuga ko hari imibonano yamaze gutangura hagati y’abashikiranganji, iyi nayo ikazotuma hashingwa isango rihurijweko na bose, iyo nama ya COMESA izoca iberako.


Kumenyekanisha

1
kigabo jean marie 26-02-2018 à 08:06

ubwo ni intango ko itakibereye mu burundi, vyerekana ko uburundi ntabushobozi bufise bwokwakira iyo nama. Mbe hoho ninde mukuru wi gihugu yo kwemera kuza muri ico gihugu nanyeneco nawe atagisohokamo, ninde ? baca umugani ngo ’’akebo kaja iwa mugarura’’

2
kigabo jean marie 26-02-2018 à 08:06

ubwo ni intango ko itakibereye mu burundi, vyerekana ko uburundi ntabushobozi bufise bwokwakira iyo nama. Mbe hoho ninde mukuru wi gihugu yo kwemera kuza muri ico gihugu nanyeneco nawe atagisohokamo, ninde ? baca umugani ngo ’’akebo kaja iwa mugarura’’

3
Busurahende 25-02-2018 à 03:38

Iyo nsiguro siyo. Ahubwo ntibashaka kuza i Bujumbura. None iyo nama ya Commonwealth ije giturumbuka ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha