Incungu ya Demokarasi ikwije imyaka 23 igandaguwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 octobre 2016 saa 10:09
Yasomwe : 25866
0 0

Imyaka mirongo ibiri n’itatu iraheze Uburundi bubuze umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu. Iyo myaka nyene niyo iheze abarundi isinzi bagandaguwe, abandi barangazwa bivuye ku bwicanyi n’intambara vyakurikiye urupfu rwa Ndadaye Melchior, incungu ya demokarasi (intwaro rusangi) yapfuye agandaguwe.
Mu gihe mu mugambwe Sahwanya FRODEBU no mu gihugu cose bibuka urupfu rwa NDADAYE Melchior kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2016, twashimye kugaruka ku buzima bwiwe (...)

Imyaka mirongo ibiri n’itatu iraheze Uburundi bubuze umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu. Iyo myaka nyene niyo iheze abarundi isinzi bagandaguwe, abandi barangazwa bivuye ku bwicanyi n’intambara vyakurikiye urupfu rwa Ndadaye Melchior, incungu ya demokarasi (intwaro rusangi) yapfuye agandaguwe.

Mu gihe mu mugambwe Sahwanya FRODEBU no mu gihugu cose bibuka urupfu rwa NDADAYE Melchior kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2016, twashimye kugaruka ku buzima bwiwe n’ivyaranze ingwano ya politike yashikanye umugambwe FRODEBU ku ntsinzi yo mu matora yo mu mwaka w’1993.

Melchior Ndadaye yavukiye mu ntara ya Muramvya i Murama, kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 1953. Abavyeyi biwe ni Piyo Ndadaye na Thérèse Bandushubwenge. Melchior Ndadaye ni imfura mu bana cumi. Umupfasoni wiwe ni Laurence Nininahazwe, bavyaranye abana batatu Guéva, Tika na Libertas. Inyuma y’amashure matomato (1960 - 1966), yaciye abandaniriza ayisumbuye i Gitega. Mu ntureka yo mu mwaka w’1972, yaciye aja kubandaniriza amashure mu gihugu c’Urwanda kuri Groupe Scolaire de Butare (Rwanda). Hagati y’imwaka w’1975 n’uw’1980, niho yaronka impamyabushobozi muvy’indero kuri Institut Pédagogique National du Rwanda.

Melchior Ndadaye yahavuye atangura ibikorwa vya poritike, aho kw’igenekerezo rya 3 Nzero 1976 yatanguza umurwi w’abanyeshure b’abarundi biga mu Rwanda (Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE). Yararongoye uwo murwi gushika mu mwaka w’1979.

Muri Myandagaro umwaka w’1979, yaratanguje umugambwe UBU w’abakozi bo mu Burundi (Parti des Travailleurs du Burundi), ariko ntiyawutevyemwo kuko mu mwaka w’1983 yaciye awuvamwo kuko yabona udafise intumbero nk’iziwe mu kurondera intwaro rusangi mu Burundi.

Mu mwaka w’1986, Melchior Ndadaye ari mubatanguje umugambwe FRODEBU (Front pour la Démocratie du Burundi) wahavuye wemererwa gukorera ku mugaragaro mu mwaka w’1991. Yarawurongoye gushika aho awushikana ku ntsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka yabaye kuva igenekerezo rya mbere gushika kurya 29 Mukakaro 1993.

Muri ayo matora y’umukuru w’igihugu yari yaserukiwemwo na Ndadaye Melchiol, umugambwe Sahwanya FRODEBU wari ushigikiwe n’iyindi migambwe itatu PP, RPB na PL.
Ku genekerezo rya mbere Ruheshi 1993, Melchior Ndadaye niho yatsinda ku ncuro ya mbere mu matora y’umukuru w’igihugu ku majwi 64,79 kw’ijana, arushije Petero Buyoya (ku majwi 32,47 kw’ijana) yari yaserukiye umugambwe UPRONA (Union pour le Progrès National). Mu kibanza ca gatatu hari Petero Karaveri Sendegeya yari yaserukiye umugambwe PRP, ku majwi 1,44 kw’ijana.

Nk’umukuru w’igihugu wa mbere atowe n’abanyagihugu, Melchior Ndadaye yari umuhutu arongoye igihugu cari kimaze imyaka n’imyaka kirongowe n’abatutsi.
Ntivyabujije ko Ndadaye Melchiol agena umututsikazi Sylvie Kinigi nk’umushikiranganji wa mbere wa Reta yiwe. Niwe mukenyezi wa mbere yari ashinzwe amabanga akomeye muri Reta nk’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijoro ryo kuwa 20 rishira uwa 21 Gitugutu umwaka w’1993, niho ubutegetsi bwa Ndadaye Melchior bwatembagazwa, agirako aragandagurwa, co kimwe na Pontien Karibwami, umukuru w’inama nshingamateka, Gilles Bimazubute, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Juvénal Ndayikeza, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine.

Inyuma y’urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior n’abandi bategetsi benshi b’abahutu, mu Burundi bwose haradutse intambara yahitanye abarundi isinzi, abandi barahunga igihugu.


Kumenyekanisha

1
niyonkuru ernest 8-01-2017 à 05:27

ivyovyose mwiyumviriye nubsa je nkeneye umutekano.

2
NYABENDA MANWERI 23-10-2016 à 20:46

NONE ABISHE GWAGASORE NANDADAYE INYUNGU AUNGUTSE NIYIHE ATARI UMUVUMO BIKWEGEYE MBEGA BAZOVUGA IBIAI IBIHE BABAKOREYE IMBEREY’ IMANA MUSHOBORAVYOSE.?

3
Raymond 23-10-2016 à 13:35

Reta yuburundi iriko itembagazwa nabuyoya ubundibwo ndababaze yabacitse gute Iyomumufata tukamudya abona.

4
MISAGO MICHERI 22-10-2016 à 22:32

DUSAVYE UTEGETSI VYIHUTA ATAKINYA IFATE BABUYOYA ABANYAGIHUGU TWU NVE BAFAHWE UBU TURIMASO IYOMIKOMA YATEYE ISIBE IGIHUGU ARIKO HAREGEREJE BUYOYA CHA REKAGUSA UBU SIVYABINDI MURAKOZE BINYARUKE

5
Riberio 22-10-2016 à 19:16

Barakagorwa Abo Batera Intambara Bagombakwiba Ahubwonibitonde Abahututwarakanuye Nugucamujisho Abaduga Tubamanura Tuzokinyiganza Gushika Umwamiyesu Agarutse

6
Maganya Yamwuzuyinda 22-10-2016 à 17:17

Nukuvuga Nanje Ico Nobivugako Nuko Abo Batanga Ivyiyumviro Vyo Kwihora Bobireka, Kuko Ubiravye Kuva Aho Nyakwigendera Ndadaye Apfiriye, Twahaburiye Abacu Benshi Baba Abahutu Canke Abatutsi. Twahahombeye Vyinshi, Ico Nobo Na Nuko Abo Bafise Uwo Mutima Wukwihora Bashaka Bobivamwo Kuko Ntaterambere Rizanwa Nukwi Hora.

7
Egide Sin 22-10-2016 à 12:21

IMANA IMWAKIRE

8
KIBENGA 22-10-2016 à 10:13

NDADAYE DAY OYEEEEEEEEEEEEE URUMUGABO WABAGABO KOMERA

9
kaneza eliane 22-10-2016 à 08:24

None burya NIYOMBARE na we n’umututsi ?

10
Kaneza 21-10-2016 à 18:14

Mbega barya batwaye ubuzima bwa Presida Ndadaye uyu munsi bari hehe ? bapfuye bangara bamwe, kuko bari ku muvumo, na Bikomagu yateye iyongaruka yaronse urwo yaciriye abandi, mugabo twebwe Abarundi turacarindiye Buyoya icavuga ku rupfu rwa Presida Ndadaye. urumurindiriye ni nka rudya rwatwaye Bikomagu.

11
Nzoyihera B.. 21-10-2016 à 13:31

Ubutungane kuribose.
Abagateka Kazina Muntu iyobava bakagera Babivugaho iki ? Ivyu Rufu rwuyo mushingantahe nyakwindera umukuru wigihugu Ndadaye ?kotutabumva ?.

12
willynshimirimana 21-10-2016 à 11:54

abo bamujeri nibo bama baduhekura igihe cose ubunaho urabona kobari basubiye ngoba dutere coud etat iyo miswa ntibigeze bashaka gutwagwa nabahutu muga nibahumure tuzobatwara barakamaramara .abarundi turimaso ntibihende basha ntibigikunda nihangame abarundi nabarundikazi twigumanire itsinzi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha