Accueil > Amakuru > u Burundi > Indwi yahariwe imico n’akaranga vy’igihugu ca Misiri yatangujwe
Indwi yahariwe imico n’akaranga vy’igihugu ca Misiri yatangujwe
jeudi 26 Gitugutu 2017, par
- Abeer Bassiouny Radwan, aserukira Misiri mu Burundi
Biciye cane cane mu bakiri bato ,imigenderanire iciye mu guha agaciro akaranga n’imico ni ngirakamaro. Kubw’umushikiranganji w’inkino n’imicokama Jean Bosco Hitimana, abakiri bato nibo nkingi y’iterambere rirama.
"Urwaruka ni kirumara mw’iterambere ry’igihugu. Kanatsinda nibo bagize igice kinini c’abantu bagize isi na cane cane muri Afrika. Uruhara rwabo ni ntangere mu kumenyekanisha igihugu biciye mu nkino n’micokama".
- Jean Bosco HITIMANA, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama
Francois Xavier aserukira ishirahamwe riharanira ubucuti bw’Uburundi na Misiri "BEFA" amenyesha ko ubucuti bw’Uburundi na Misiri bukomeye cane, mbere bukomejwe n’uruzi Nil rukomoka mu bumanuko bw’Uburundi, rukaba ruri mu biteje imbere igihugu ca Misiri.
- Francois Xavier aserukira ishirahamwe riharanira ubucuti bw’Uburundi na Misiri "BEFA"
Muri iyo ntumbero yo kumenyekanisha imico n’akaranga vya Misiri, uwuserukira ico gihugu amenyesha ko hagiye kuza haracishwa amareresi y’abanya Misiri ku mboneshakure nkuru y’igihugu. Hagiye no kwerekanwa amareresi ku kigo c’urwaruka co mu kamenge, mu kiringo cose c’iyi ndwi yahariwe imico n’akaranga vy’igihugu ca Misiri.

- Abeer Bassiouny Radwan, aserukira Misiri mu Burundi




Pacifique BUKURU