IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo z’ugukomeza umutekano mu minsi mikuru zafashwe

Ingingo z’ugukomeza umutekano mu minsi mikuru zafashwe

jeudi 22 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko yashizeho ingingo z’ugukomeza umutekano mu minsi mikuru ya Noweri n’umwaka mushasha igiye guhimbazwa. Abanyagihugu bose basabwa gukorana n’abajejwe umutekano, mu gushikiriza ababijejwe ico boba biketse ko gishobora guhungabanya umutekano.

Mu nama yagiranye kuri uwu wa gatatu n’abegwa bose n’ikibazo c’umutekano mu Burundi, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko umutekano uhari mu gihugu, asaba ababijejwe ko bowukomeza, cane cane mw’ihimbazwa ry’iminsi mikuru ryimirije.

Gaston SINDIMWO yasavye abanyagihugu kurikanura, kugira babungabunge amahoro n’umutekano.

JPEG - 43.7 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko ingingo z’ugukomeza umutekano zafashwe, izo nazo zikaba zigizwe n’ukubuza imiduga minini minini (véhicules poids lourds) kwinjira mu gisagara, imikwabu ku miduga, cane cane iyifise ibiyo bitabonerana (vitres teintés), gutanga umuyagankuba mu bibanza vyinshi bishoboka, ibitaro bigakora amasaha yose, ugukuraho amahera y’ingwati yahora asabwa abagize isanganya bituye abaganga, hamwe n’ukurwiza ibikorwa vy’abajejwe umutekano vy’ugukizura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.