Inkoho 37 nizo zafashwe n’igiporisi mu kiringo c’amezi atatu

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 18 Ndamukiza 2018 saa 09:13
19725
0 0

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko mu mezi atatu aheze y’uwu mwaka wa 2018 hakozwe amasaka-suzuma 5346 mu gihugu cose, muriyo hakaba harafashwe inkoho 37, ibisasu ntezwantoki 112, ibikono vy’amasasu vy’inkoho Kalashinikov 14, ibikono 4 vy’inkoho R4, amasasu 2590, ibisasu bisambura imiduga 3 hamwe n’igisasu giterwa abantu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ariko ashikirizwa ivyo ubushikiranganji bw’umutekano bwaranguye mu mezi 3 aheze, Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko amadosiye angana 4894 yuguruwe mu gisata c’amatohoza, muriyo amadosiye 3797 yakozwe arahera yongera arungikwa mu maparake mu gihe ayarenga igihumbi akiri mu matohoza.

Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko mu mezi atatu aheze ubushikiranganji arongoye bwashoboye gutuza inzoga zitemewe n’amategeko, aho amaritiro ibihumbi 155.200 yasheshwe, ibiro 392,5 n’udutu 6.336 tw’urumogi twafashwe, ibiti 413 vy’urwo rumogi navyo birarandurwa.

JPEG - 107.1 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji, nk’uko vyashikirijwe na Alain Guillaume BUNYONI, amasuzuma 2773 yarakozwe mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano y’uruja n’uruza rwo mu mabarabara, aho ihadabu y’amafaranga 479.014.000 y’amafaranga y’amarundi yatojwe ku barenze amategeko yo mu mabarabara.

Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko muri kino gice kigira kabiri c’umwaka wa 2018 bazokora n’inguvu kugira barandurane n’imizi ubugizi bwa nabi bwose n’iterabwoba.


Kumenyekanisha

1
Namahoro 18-04-2018 à 14:30

bandanya mucakira.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha