Integuro y’amafaranga azokoreshwa mu kwubaka ibarabara RN16 yemejwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 24 Myandagaro 2017 saa 10:38
Yasomwe : 8019
0 0

Inama shingamateka y’uburundi yemeje kuri uwu wa gatatu integuro zibiri zijanye n’imfashanyo zibiri zizokoreshwa mu kwubaka ibarabara rikuru ry’igihugu "RN16".

Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya Reta, niwe yari mu nama shingamateka gusigura izo nteguro zibiri zemejwe n’abashingamateka bose.

JPEG - 85.6 ko
Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya Reta

Iryo barabara rica i Bururi-Gakuba-Mahwa-Gitega rikaba ari iry’uburebure bungana n’ibirometero 72.

Iryo barabara rizosirwamwo ikaburimbo, ryongere risubirwemwo, ku mfashanyo ya BADEA (Banque Arabe pour le Developement Economique en Afrique), hamwe n’ikigega co mu gihugu ca Arabia Saoudite kijejwe iterambere.


Kumenyekanisha

1
nephtalie 24-08-2017 à 12:35

ndabakeje kubw’iyo nteguro mwemeje vyukuri rirya barabara vyari bikenewe ko rikorwa.Icomwofasha mwokurikirana cane kugira ntibazorisondeke turipfuza ko ryoba ibarabara rikomeye cane.Mubandanye guteza imbere igihugu nico abanyagihugu babizereye bakabatora.Turabashigikiye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha