Integuro y’itegeko rigenga abagendana ubumuga yashitse mu nama nshingamateka

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 14 Kigarama 2017 saa 08:12
Yasomwe : 1242
0 0

Inama nshingamateka yakoranye kuri uwu wa kane, yiga integuro y’itegeko rigenga abagendana ubumuga mu Burundi.

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, umushikiranganji Martin NIVYABANDI ajejwe agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira niwe ari mu nama nshingamateka gusigura ibijanye n’integuro y’iryo tegeko.

Umushikiranganji NIVYABANDI yabwiye abashingamateka ko Reta y’Uburundi itegekanya gukorera kuri iryo tegeko mu migambi y’ugushigikira abagenda ubumuga mu migambi y’iterambere.

Iryo tegeko rizofasha kandi mu kurwanya ikumirwa rikorerwa abagendana ubumuga, nk’uko vyemezwa n’umushikiranganji Martin NIVYABANDI.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha