Integuro y’itegeko rishiraho inama y’igihugu ijejwe ubumwe bw’Abarundi yemejwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 2 Myandagaro 2017 saa 02:10
Yasomwe : 16668
0 0

Integuro y’itegeko rishiraho inama y’igihugu ijejwe ubumwe bw’Abarundi hamwe n’ugusubiza hamwe yemejwe n’inama nkenguzamateka kuri uwu wa gatatu.

Mu nama nkenguzamateka, iyo nteguro y’itegeko yasiguwe na Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

BARANDAGIYE Pascal yamenyesheje ko iyo nama y’igihugu ijejwe ubumwe bw’Abarundi hamwe n’ugusubiza hamwe ariyo izosubirira umurwi w’igihugu CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi, mu gihe uzoba wahejeje ikiringo cawo. Abagize iyo nama y’igihugu akaba aribo bazokora ibijanye n’ubumwe bw’Abarundi vyahora bikorwa na CVR.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE yabwiye abakenguzamateka ko muri kahise vyagiye biraboneka ko amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi yashizweho mu mwaka w’1991 arimwo utunenge twatumye ubwo bumwe buhungabana, aho BARANDAGIYE akavuga ko vyagaragaye mu mwaka w’2015, aho vyabonetse nk’uko yabishikirije, ko hari Abarundi bagifise umutima w’amacakubiri.

Ku bw’uwo mushikiranganji, inama y’igihugu ijejwe ubumwe bw’Abarundi hamwe n’ugusubiza hamwe izofasha gukomeza ayo masezerano y’ubumwe bw’Abarundi.


Kumenyekanisha

1
Kararuza 2-08-2017 à 15:57

Breaking News: Chef w’Imbonerakure Kiki Gahomera ahejeje gutarwa mu Mvuto muri SNR

2
Hicuburundi 2-08-2017 à 15:26

Ivyo ni uguta umwanya.ivyo vyose bizokunda aruko leta ya Peter na CNARED vyumvikanye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha