Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro zitatu ziraba Abamenyeshamakuru ziri mu vyigwa mu nama (...)
Integuro zitatu ziraba Abamenyeshamakuru ziri mu vyigwa mu nama nshikiranganji
jeudi 8 Ruheshi 2017

Muri iyo nama nshikiranganji, abagize Reta y’Uburundi barigira hamwe integuro y’itegeko riraba isubirwamwo ry’itegeko nomero 1/03 ryo kuwa 24 Nzero 2013 rivuga ibikorwa, itunganwa hamwe n’abagize umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha amakuru (CNC : Cnseil National de la Communication).
Abagize Reta y’Uburundi barigira hamwe kandi integuro y’itegeko risubiramwo itegeko nomero 1/15 ryo kuwa 9 Rusama 2015 rigenga itangazamakuru mu Burundi.
Muri izo ngingo zijanye n’uguhanahana amakuru mu Burundi, iyo nama nshikiranganji yo kuri uwu wa kane iriga kandi integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu riraba ishirwaho hamwe n’itunganwa ry’ikigega c’ibikorwa vy’ubuhinga bw’ugutumatumanako amakuru (Projet de décret portant création et modalités de gestion du fonds du service Universel des TIC au Burundi).
Izo nteguro zose uko ari zitatu zishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe amaposita, ubuhinga bw’uguhanahana amakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru.
Ivyavuye muri iyo nama tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Egide NDUWIMANA
Messages
8 Ruheshi 2017, 18:12, par jean marc burundi
ewe nkurumbi ehe raba abandi bakuru b’ibihugu bariko baratanga ivyiyumviro ukungene iterambere hagati y’ibihugu vy’afurika hamwe n’ibihugu vy’iburaya ryotezwa imbere ngaho nawe ugende userukire uburundi nawe utange ivyiyumviro, ngaho nyeguruka barakurindiriye .....
8 Ruheshi 2017, 18:15, par jean marc burundi
ko mutareka iciyumviro canje ngo kirengane, nta nisoni mufise.