Intumwa z’igihugu ca Suisse zishikiye kuraba ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa vyo gufashanya

Yanditswe na Bikorimana Vianney
Kuya 26 April 2018 saa 01:35
15555
0 0

Intumwa za Reta z’igihugu ca Suisse zahawe umubonano n’abayobozi b’inama nshingamteka na nkenguzametaka vy’Uburundi, mu ntumbero yo kumenya ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa bijanye no gufashanya hagati y’ico gihugu n’inama nshingamteka na nkenguzametaka vy’Uburundi uko bigenda.}

Natacha ANTILLE yaserukiye umurwi w’intumwa za Reta z’igihugu ca Suisse, yamenyesheje ko baganiriye n’abayobozi bakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka ku bijanye n’intererano batanga, ijanye no gukarihiriza ubwenge inama nshingamteka na nkenguzamateka y’Uburundi uko ishirwa mu ngiro

Natacha ANTILLE yamenyesheje ko inyigisho zo gukarihiriza ubwenge izo nzego zibiri basanzwe bafata mu mugongo zifasha kugira ibikorwa vyazo bikorwe neza.

Natacha ANTILLE yavuze kandi ko muvyo baganiriye n’abo bayobozi b’inama nshingamateka na nkenguzametaka y’Uburundi harimwo n’uko imigenderanire igiye gukomezwa mu minsi iri mbere na cane cane kuvyo bazofashanya naho boshitsa.

Icegera ca kabiri c’inama nkenguzametaka Anicet NIYONGABO yamenyeshejeko izo ntumwa z’igihugu ca Suisse zishikiye kuraba neza ko inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Uburundi zaronse inyigisho zari zategekanijwe zijanye no gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka n’abashingamanteka mu bisata bitandukanye.

Igihugu ca Suisse nico cafashe mu mugongo inyigisho zatanzwe ku bayobozi n’abakozi batandukanye b’inama nshingamteka na nkenguzamateka zijanye n’ingene amategeko atorwa n’ingene ahinyanyurwa mu mwaka uheze wa 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha