Intumwa z’ibanki AFREXIMBANK zakiriwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 Nyakanga 2017 saa 02:11
Yasomwe : 14724
0 0

Intumwa z’Ibanki AFREXIMBANK yo mu gihugu ca Misiri ijejwe ibidandazwa bigurirwa hamwe n’ibishorerwa hanze ya Afrika ziri mu rugendo mu gihugu c’Uburundi kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatandatu. Izo ntumwa zakiriwe kuri uwu w’Imana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Inyuma y’uwo mubonano, nk’uko bivugwa na Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, izo ntumwa ziyemeje gufasha Reta y’Uburundi mu bijanye n’uburimyi, ukwubaka amabarabara, amabarabara y’indarayi, igisata c’ingenzi, gufasha mu bijanye n’umuyagankuba, hamwe n’ubutare n’agataka.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bavuga ko uwo mubonano wabaye mwiza, kuko abo baserukiye ibanki AFREXIMBANK bemeye gufasha mu migambi itandukanye y’igihugu c’Uburundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha