Intwazangabo 4 mu gisirikare c’Uburundi zirukanywe mu kazi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 décembre 2017 saa 09:49
77685
0 0

Abasirikare 4 bo mu rwego rw’intwazangabo nibo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yirukanye mu gisirikare c’Uburundi.

Abo basirikare birukanywe mu gisirikare ni Lieutenant Colonel KABISA Gervais, Major NTAHIMPERA Nestor,Capitaine NIYONGABO Onesime na Capitaine NCUNGUNYIKA Jean Marie.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/240 ryo kw’igenekerezo rya 7 Kigarama 2017 rigenga iyirukanwa rya bamwe mu ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, abo basirikare bose bagirizwa ko bataye akazi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha