IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intwazangabo y’Uburundi yirukanwe mu bikorwa vya MINUSCA muri (...)

Intwazangabo y’Uburundi yirukanwe mu bikorwa vya MINUSCA muri Centrafrique

jeudi 23 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Major Budigi Nicolas, intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi yari yarungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique yagarutse mu Burundi yirukanwe mu bikorwa vya MINUSCA. Iyo ngingo y’ukumwirukana ikaba yafashwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Major Budigi yashitse i Bujumbura kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2017.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi yagirije Major Budigi Nicolas ko yagize uruhara rukomeye mu guhohotera abariko biyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba yatanguye kuvugwa cane inyuma y’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, igeragezwa ry’ugushaka gutembagaza ubutegetsi ryanse.

Major Budigi yahoze mu gisirikare ca Reta (Ex FAB) yagirizwa kandi ko ari mu ntwazangabo zahagarariye ibikorwa vy’ugusambura insamirizi zigenga, cane cane insamirizi RPA yaturiwe kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2015, inyuma y’ukuraswa amasasu menshi.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bagiriza iyo ntwazangabo ko ariyo yahagarariye ubugizi bwa nabi bwakozwe muma karitiye ya Bwiza, Jabe na Nyakabiga kw’igenekerezo rya 11 na 12 Kigarama 2015, inyuma y’ibitero vyakozwe ku makambi y’igisirikare yo mu gisagara ca Bujumbura hamwe no kw’ikambi y’i Mujejuru.

Major Budigi akaba yagirizwa kandi ko ariwe yafatisha urwaruka rwagiye mu myiyerekano rwo mu ntara ya Bururi muri komine Mugamba aho asanzwe avuka. Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bavuga ko abafashwe baborezwa igufa canke bakaburirwa irengero.

Imbere y’ukurungikwa muri Centrafrique, Major Budigi Nicolas niwe yahora arongoye "Bataillon" ya kabiri, mu gisirikare kijejwe gucungera inzego (BSPI : Brigade Spéciale de Protection des Institutions).

Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko Major Budigi Nicolas yazize irementanya hamwe n’ububeshi bikorerwa abasirikare b’Abarundi barungikwa kugarukana amahoro mu bindi bihugu.


IGIHE

Messages

  • akokadenderezo kabaterekwa demokrasi iburundi imana izobabaza?nahobarementanya bafisumunoho wubutegetsi igihugu gitwagwa nuwimana igihaye :

  • Urya uwawe ukinovora intuntu

  • abandibihuguvyabobirimumahoro,kukibaterekuburundinabwobugatekana,nukugumabakokezagusa,birakwiyeguhinduka.

  • Karashize Ingani,uwugwanije Inkozi Zibibi Wese Yitwe Uwuhohotera Abantu?Ihangane Kandi Uze Wame Uri Intwari

  • Natah Atash Mugihugu Iw,abonabo Bamurementaniriza Ntahobazoshka

  • Jewe Keshi Mukuvuga Iciyunviro Canje Ndakunda Kuvuga Ko Imana Iruta Ingabo Mwege Nimurindire Ni Bitari Ivyo Tujobimenye kimwe Gusa Dusabire Kumana Abo Vyahitanye Kugiri Bashikire Ubwani Bwimana Hama Abashobo Dusenge Kugira Turonke Amahoro Muburundi

  • @ndayikeza
    "abandibihuguvyabobirimumahoro,kukibaterekuburundinabwobugatekana,nukugumabakokezagusa,birakwiyeguhinduka."

    Urabona ibintu wandika? Urabanza uze tukwigishe ingene bandika ikirundi!

  • Uwomukungu yataye ibanga ry’aba Poils kubera utwo bamutamika!!!! Major asegerereza ntiwumvako aribara!!!! Ntanigitangaje ako kagabo kamye aragakungu kuva kera, karateje urubwa 31POE. Gakwiye ko aba poils b’indyamunyu bamumwa ingohe, bakamutera amazi uwo mukungu asaba uwoyimye!!! Shame on him!!! That’s crazy!!!!

  • Birababaje kubona uwurwanije inkozizikibi amakungu acamwita umuntu mini!?
    Biranyeretse ko iyomirwi yinkozizibibi ishigikiwe namakungu!
    Kuko ntakuntu umusirikare wigihugu yokwita kubiti namacumu kugira aburizemwo/abuze abashaka gukora kudeta ngwamakungu aheze amudendereze akokagene ahageze hose.

  • Uwo mugesera no kwa Shetani ntazokwinjirayo, uwicishije inkota azokwicishwa indi, tout se paie ici bas

  • Iyongingo yafashwe yokwirukana uyomubisha irashimishije, nabandi baracarimwo ntiturababona, drive out all these foolish.

  • jewe sinunva niyo onu ipfa kwirukana itabanje kugira namatohoza ivyo nivyabipfamutima vyahungira hanze atakazi bafise atari kugira irementanya ariko bashaka botekereza ntaco bazoshikako.

  • YARIKWIRIYE,IGIHAN,,COGUFUGWA,AWOMUKAMUBAZANEZA,ABOBANTU,HOYABASIZE,KUBERANKUWO,TUMUTOYE,ABANTU,YOCAZA,ARABANYURUZA,MURABENEZA,AHOMUHAKURIRE,INGINGO

  • We Wiyita Wakera Na FNL Nashaka Ndabamenyeshe Ko Mission Zose Nubwo Zohagarara Igihugu Kizokwama Gicungerewe Kurya Nyene Ntakizohinduka. Nubu Baveyo Bose Hama Musubire Muri Vyabindi Vyanyu. Ubuho Nimbeya Gusa. Urera Nabi Ugatukwa Nabuzukuru.

  • Amakungu ARABABAJWE n’uko IHONYA BWOKO RITARABA m’u BURUNDI. Ibiharuro vyerekana yuko ubu habaye ihonyabwoko mu BURUNDI hashobora kuba n’irindi honya bwoko m’u RWANDA no mugace k’ubuseruko bwa CONGO(RDC). Harashobora Ihonya Bwoko ibitero bigamije ihonya bwoko kumipaka ya Tanzaniya n’u Burundi, umupaka wa Tanzaniya n’u Rwanda, umupaka wa Tanzaniya n’Ubuganda. Ishirahamwa mpuzamakunga ririkurugamba n’abarongoye rihanganye ILLUMINATI bifuza kurikoresho uko bashatse ariko ntibirakunda neza kandi umuzo wa Trump muri USA ryanje rigabanya inguvu za ILLUMINATI. Rero ISHIRAHAMWE mpuzamakungu nico gituma rishobora gukora rifasha abagizi ba nabi iyo abo bagizi banabi bariko bashikana ivyipfuza vya ILLUMINATI. UMUGAMBI wa ILLUMINATI n’uwo kugerageza uburyo bwose bushoboka kugira abantu bagabanuke kw’isi. Ntibibatangaze rero kubona ibiriko berakorwa n’amakungu kuko bituruka kuburyo bwo gushaka kugabanya abantu mukarere kuko abantu baravyara cane.

  • Wakera n’uwakera sha! Bovayo Imbonerakure zigahembwa iki!!! Ntubona ako ka Major Budigi kareha n’ubwacumbishijwe kumwe ukuntu bakomoye nk’imbwa kubera excès de zèle mugusegerereza kwa Sebuja ( Soccer Player) ! N’abandi baze bahakura icirwa!!! Nasubire muri BSPI aze ararya turya du 80milles tw’uturusho twugukingira umwicanyi sebuja!

  • Nkahamwe Ibihanonkivyo Bikunzekuba Noryoherwa

  • @Cobla Rouge! idedembere sha erega biribonekeza ko uri ikinywamaraso ciki DD

  • mu rwanda dutegereje ubutwa bwa nkurikiye avuga ko urwanda rubiri inyuma

  • OYA UYO AVUZEKO MISSION ZOHAGARARA IGIHUGU COGUMA GICUNZWE NEZA, ARIBESHE, URABAZA AMAHERA UMUSODA MUTO AHEMBWAKO YOMUTUNGIRA UMURYANGO. AHUBWO NAKANZO IMANA YACIYE KUGIRA UBURUNDI BUBE BURAMAZE KABIRI, BIBA UBU AMAHERA YA MISSION AMUHERANYE, VYOGENDA GUTE VYOHAGARARA. EGO NGIRA BOCA BABONGRA. UMUKOZI ADAHEMBWA NA 30KG ZIFU YUBUDUDU, UWOYOCUNGERA UMUTEKANO GUTE YISONZEYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.