Iradiyo Bonesha FM igiye kwemererwa gusubira gukora

Yanditswe na IGIHE
Kuya 14 février 2017 saa 08:11
Yasomwe : 13293
0 0

Icegera c’umukuru w’urwego rukurikirana ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi CNC, Gabriel BIHUMUGANI, amenyesha ko iradiyo Bonesha FM igiye gusubira gukorera ku mugaragaro mu minsi ya vuba.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma, umwaka wa 2017, Gabriel BIHUMUGANI yavuze ko urwego CNC rukorana neza na Radiyo Bonesha FM kandi ata kibazo kihari.
Muri ico kiganiro, Gabriel BIHUMUGANI yavuze ko iradiyo Bonesha FM yari kuba yaratanguye gukorera (...)

Icegera c’umukuru w’urwego rukurikirana ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi CNC, Gabriel BIHUMUGANI, amenyesha ko iradiyo Bonesha FM igiye gusubira gukorera ku mugaragaro mu minsi ya vuba.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma, umwaka wa 2017, Gabriel BIHUMUGANI yavuze ko urwego CNC rukorana neza na Radiyo Bonesha FM kandi ata kibazo kihari.

Muri ico kiganiro, Gabriel BIHUMUGANI yavuze ko iradiyo Bonesha FM yari kuba yaratanguye gukorera ku mugaragaro, kuko n’ubu abamenyeshamakuru bayo bakorera ku buhinga ngurukana bumenyi kandi bisunga amategeko agenga kumenyesha amakuru.

Gabriel BIHUMUGANI amenyesha ko atacobuza ko Iradiyo Bonesha FM ikora kuko isanzwe ifise n’umurongo ivugirako.

Mwomenya ko icegera c’umukuru w’urwego CNC ivyo yabishikirije mu gihe kuri uno wa mbere amakungu yahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amaradiyo.


Kumenyekanisha

1
CIZA ERIC 15-02-2017 à 23:23

Nukuri Ndanezerejwe Cane Nukwumva Iradiyo Bonesha F.M Yosubira Gukora Nkabankeje Cane Abamenyesha Makuru B,iradiyo Bonesha F.M Nibakomere Kw,ibanga Ryabo Abarundi Turinyuma Yabo

2
NSENGIYUMVA Venuste 15-02-2017 à 21:01

Jewe Iconovuga Nikoshimye Kwumva Iradiyo Igiye Gusubira Gukora

3
HAKIZA 14-02-2017 à 09:38

Ariko muzobanze muhinyanyure amategeko. Habe umurongo ntarengwa ku bimenyesha makuru vyigenga kugira ayo maradiyo ntazosubire kwivanga mu vya politike. Nivyiza ko iradiyo zitangaza amakuru ya politike ariko sivyiza ko abaho kwivanga cane guhengama kwayo maradiyo nkuko twabibonye mu bihe turenganye.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha