Iradiyo CCIB fm igiye kubandanya ikora amakuru ateza imbere ubutunzi n’ubudandaji

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 6 décembre 2017 saa 02:11
Yasomwe : 2367
0 0

Inyuma yaho ikigo CNC gifashe ingingo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya Munyonyo 2017, yo gutezurira iradiyo CCIB fm + ku bihano yari yafatiwe, ikigo CFCIB cashikirije ko iradiyo CCIB fm+ igiye kubandanya ikora ibiganiro bijanye no guteza imbere ubutunzi n’ubudandaji.

Denis Nshimirimana, umunyamabanga mukuru w’ikigo CFCIB amenyesha ko mu mezi abiri iradiyo yari imaze idakora, uruhombo rwabaye runini ku kigo CFCIB no kubanyamitahe.

« Iradiyo CCIB fm+ niwo muhora ducishako amakuru ajanye n’ubutunzi hamwe n’ubudandaji.Agahombo ni kanini Kubona yamaze amezi agera kuri abiri idakora, tukizera ko ingorane zashitse zitazongera kubaho ».

JPEG - 41.6 ko
Denis NSHIMIRIMANA, Umunyamabanga mukuru w’ikigo CFCIB

Naho biri ukwo, Denis Nshimirimana amenyesha ko batagiye kuvuza amakuru y’ubutunzi gusa, ariko bazokora inkuru zijanye n’ibindi bisata, bakazokwirinda gutakaza umurongo ngendegwako w’iradiyo.

Jean Jacques Ntamagara, ari mu mabanga yo kurongora iradiyo CCIB fm + amenyesha ko bagiye gutunganya inyigisho ku bamenyesha makuru kugirango birinde kugwa mu makosa avuye kukutamenya.

JPEG - 55 ko
Jean Jacques NTAMAGARA,umuyobozi mushasha wa Radiyo CCIB FM PLUS

« Dufise abamenyeshamakuru bakiri bato,tugiye gutunganya inyigisho zo kubaronsa ubumenyi bukwiye ».

Radiyo CCIB fm+ ikaba ariyo radiyo yatanguye gusamirana mu maradiyo yigenga mu Burundi, hari mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 1995.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha