’’Iri hayanishwa rizofasha abarundi n’abanyakenya guhanahana ubumenyi’’-SINDIMWO

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 19 Nyakanga 2017 saa 03:35
Yasomwe : 4032
0 0

Ihayanishwa gurisha ry’ibidandazwa vyo mu gihugu ca Kenya hamwe n’ivyo mu Burundi riri mu bituma abagwizatunga bo muri vyo bihugu ko bahanahana ubumenyi bikabona gufasha guteza imbere inganda zitandukanye ziri mw’ivyo bihugu bashobore no gushinga amahinguriro matomato yofasha guhingura umwimbu ubonetse kugira ntiwononekare.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura k’umugaragaro iryo hayanishwa gurishwa kuruno wa kabiri igenekerezo rya 19 nyakanga 2017, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko iryo hayanishwa ryerekana ko Aburundi n’abanyakenya bashobora gukorera hamwe kugira bagwize umwimbu kandi ko ari ikimenyetso ko Uburundi bugiye mw’isemo ryo kugwiza ibikorwa kugira bubone kwimbura vyinshi.

Gaston SINDIMWO yavuze ati : “ Dufatanye n’Abanyakenya turashobora guhingura utuntu dutandukanye nk’amata n’ibindi kugira umwimbu ubonetse aho kwononekara ukorwemwo ibindi bintu bitandukanye”.

Gaston SINDIMWO yavuze kandi ko iryo hayanishwa gurisha rikura impari rikerekana ko mu Burundi hariho abantu bakora ibikorwa vyo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.

Twobamenyeshako iryo hayanishwa gurisha ry’ibindandaza vyo mu Burundi n’ivyo mu gihugu ca Kenya ryatanguye kw’igenekerezo rya 15 nyakanga 2017 rikazorangira kw’igenekerezo rya 23 nyakanga 2017.

Iryo hayanishwa gurisha ryatunganije na Reta y’Uburundi iri kumwe n’ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi.

JPEG - 80.1 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ahejeje kwugurura ihayanishwa gurishwa

Kumenyekanisha

1
Kararuza 20-09-2017 à 08:17

Mr Gaston Sindimwo asha izina niryo muntu Nturimo kweli, uraraba ukungene atamba yirorera!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha